Uko wahagera

Angela Merkel Yatanze Ubutegetsi Yari Amazeko Imyaka 16


Angela Merkel
Angela Merkel

Olaf Scholz, yarahiye mu mabanga y'umu Shancelier mushasha w'igihugu c'Ubudagi. Birangije icese ikiringo ca Angela Merkel camaze imyaka 16.

Green, afise imyaka 63 muri iki gihe, yabaye icegera ca Chanceliere Merkel yongera aba n’umushikiranganji ajejwe ikigega muri reta y’urunani yiwe. Yaronse amajwi 395 y’abashingamateka mu nama nshingamateka, Bundestag nkuko vyatangajwe na prezida wayo, Baerbel Bas.

Scholz abaye Chancelier w’Ubudagi agira uw’icenda kuva ingwano ya kabiri y’isi yose irangiye. Mu vyo yarahiriye harimwo gushira inguvu ziwe kurushiriza mu gutuma ubuzima bw’abanyagihugu bwisununura kurushiriza.

Angela Merkel yamushikirije icese amabanga y’ubu Chancelier ku mutaga w’uno musi ku wa gatatu. Bibaye mu gihe igihugu gihanganye n’incuro igira iya kane y’ibitigiri biri hejuru cane vy’abandura ikiza ca Covid-19 mu gihugu, hamwe n’ibibazo bikigeramiye biturutse mu bihugu bitwaza igikenye.

Scholz yiyemeje ku vyerekeye guhangana bikomeye n’ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe hamwe n’ibihugu vy’Uburusiya n’Ubushinwa biriko bitera ibibazo kurushiriza muri iki gihe mu makungu.

Ni umunyapolitike azi kuganira kandi amaze igihe kirekire muri politike. Yabaye umunyamabanga mukuru w’umugambwe SPD kuva mu mwaka w’i 2002 gushika mu mwaka w’i 2004. Yabaye kandi umushikiranganji ajejwe akazi kuva mu mwaka w’i 2007 gushika mu mwaka w’i 2009 muri reta ya mbere y’urunani ya Angela. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG