Uko wahagera

Ubudagi mu Matora yo Gusubiriza Merkel Amaze Imyaka 16 ku Butegetsi


Mu Budagi, amamiriyoni 60 y’abanyagihugu bafise imyaka yo gutora (kuva kuri 18) bazindukiye mu matora y’abashingamateka.

Abashingamateka bazotorwa ni bo bazohitamwo uwuzosubirira Chanseliyeri w’ico gihugu, Angela Merkel. Imigambwe itatu ikomeye ni yo vyitezwe ko ironka intebe nyishi mu nama nshingamateka y’Ubudagi.

Vyitezwe ko ivyavuye mu matora biza kumenyekana inyuma ya saa kumi na zibiri zo ku mugoroba ibiro vy’amatora vyose bimaze kugara. Uwuzotsinda wese, ategerezwa kuzoshinga Reta ihuriyemwo bose.

Madamu Angela Merkel agiye gukinjura nka Chanseliyeri w’Ubudagi inyuma y’imyaka 16 yari amaze mu burongozi bw’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG