Amwe mu Mafoto y'Ivyaranze CHOGM n'Abitabiriye Iyo Nama Yari Imaze Iminsi Ibera mu Rwanda
CHOGM 2022 yaheze kuri uno wa gatandatu. Zimwe mu ngingo zayifatiwemwo, zirimwo ukwemerera Togo na Gabon kwinjira muri Commonwealth. Ivyo bihugu bisanzwe bikoresha Ururimi rw’igifaransa bikurikiye u Rwanda na Mozambique biri muri uwo muryango kandi bitakoronijwe n'Ubwongereza.
17
Kuri ino foto, Prezida Kagame yari kumwe n'umunyamabanga mukuru wa Commonwealth Patricia Scotland. Paul Kagame yatorewe kuba umukuru w'uwo muryango mu kiringo c'imyaka ibiri iri imbere, Madame Patricia nawe yongerwa manda y'ubunyamabanga bw'uwo muryango uhurikiyemwo ibihugu bihuriye ku rurimi rw'icongereza.
18
Mu bandi bitabiriye inama ya CHOGM , harimwo umushikiranganji wa mbere w'Ubwami bwa Tonga ari we Hon. Siaosi Sovaleni (Ahagaze i bubamfu bwa Prezida Kagame.) Ubwami bwa Tonga buri mu bugize amabahari 170 yo muri Reta ya Polynesie.
19
Prezida Kagame kumwe na Melinda Gates. Mu biganiro Melinda yagiranye na Kagame, harimwo ibijanye n'ugufashanya mu bisata vy'uburimyi n'amagara y'abantu.
20
Mu bindi vyaranze CHOGM 2022, harimwo ugushinga umushinge w'ahazokubakwa ishami ry'ikigo gikora incanco n'imiti, BioNTech. Mu bategetsi bitabiriye ibiro vyo gushinga umushinge wa mbere, harimwo prezida wa Ghana Nakufo Addo, uwa Guyana Irfaan Ali, Umukuru wa BioNTech CEO, Uğur Şahin, umukuru wa komisiyo y'Ubumwe bwa Afurika, Moussa Faki, n'umunyamabanga mukuru w'ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu kw'isi Dr Tedros