Amwe mu Mafoto y'Ivyaranze CHOGM n'Abitabiriye Iyo Nama Yari Imaze Iminsi Ibera mu Rwanda
CHOGM 2022 yaheze kuri uno wa gatandatu. Zimwe mu ngingo zayifatiwemwo, zirimwo ukwemerera Togo na Gabon kwinjira muri Commonwealth. Ivyo bihugu bisanzwe bikoresha Ururimi rw’igifaransa bikurikiye u Rwanda na Mozambique biri muri uwo muryango kandi bitakoronijwe n'Ubwongereza.
21
Prezida w'u Rwanda Paul Kagame mu birori vyo gushinga umushinge w'ahazokubakwa ishami ry'ikigo gikora incanco n'imiti BionNTech mu Rwanda. Paul kagame ashinga umushinge wa mbere w'ico kigo co mu Budagi, yavuze ko ari intambwe ikomeye yo kuronsa incanco abanyagihugu bose ata wukumiriwe kubera amikoro make, canke ubuke bwazo.
22
Prezida w'u Rwanda Paul Kagame mu biganiro n'umutegetsi mukuru wa Qatar, Tamim ben Hamad Al Thani
23
Madame Jeanette Kagame, yugurura ihuriro ry'abapfasoni bitabiriye CHOGM 2022.
24
Bamwe mu bapfasoni b'abategetsi bitabiriye CHOGM 2022.