Amwe mu Mafoto y'Ivyaranze CHOGM n'Abitabiriye Iyo Nama Yari Imaze Iminsi Ibera mu Rwanda
CHOGM 2022 yaheze kuri uno wa gatandatu. Zimwe mu ngingo zayifatiwemwo, zirimwo ukwemerera Togo na Gabon kwinjira muri Commonwealth. Ivyo bihugu bisanzwe bikoresha Ururimi rw’igifaransa bikurikiye u Rwanda na Mozambique biri muri uwo muryango kandi bitakoronijwe n'Ubwongereza.

1
Kuri ino foto, Prezida w'u Rwanda Paul Kagame yariko asozera inama ya Commonwealth igira 26 yari imaze indwi ibera i Kigali mu Rwanda. Mu ngingo zafundikiwe muri iyo nama, harimwo ukwemerera Gabon na Togo kwinjira mu muryango wa commonwealth uhurikiyemwo ibihugu bikoresha icongereza. Prezida w'u Rwanda Paul Kagame yatorewe gutwara Commonwealth mu kiringo c'imyaka ibiri. Mu kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru ku munsi wa nyuma wa CHOGM yagize ati: " Twemeye ko Gabon na Togo baba abanyamuryango bashasha. Tubahaye ikaze."

2
Ino foto, yafashwe umunsi Prezida w'u Rwanda Paul Kagame yakira abitabiriye CHOGM ya 26. Mw'ijambo yashikirije abitabiriye iyo nama bavuye mu mihingo y'isi yose, yabasavye gusenyera ku mugozi umwe ababwira ati: " Kuva mu 2020, twaciye muri vyinshi mu bihugu vyacu bitandukanye, mu miryango itandukanye ibihugu vyegukira, no muri Commonwealth muri rusangi. Ikiza ca Virusi ya Carona ni akaga n'ishano vyagwiriye isi, ariko na none vyongeye kutwereka akarusho ko gukorera hamwe biciye mu migambi itandukanye no mu kibano. Ntidushobora gutera imbere tudakoreye hamwe."

3
Mu birori vyugurura CHOGM vyabereye muri Kigali Convention Centre, prezida w'u Rwanda Paul Kagame yabwiye abitabiriye inama y'uno mwaka ko U Rwanda rwishimiye kubakira mu nama ya CHOGM igira 26. CHOGM y'uno mwaka, igize iya gatandatu ibereye ku mugabane wa Afurika, n'iya mbere ibaye kuva ikiza ca COVID-19 caduka.

4
Ifoto rusangi y'abategetsi ba Commonwealth bitabiriye CHOGM 2022. Mu bari muri iyo foto, harimwo prezida wa Uganda, Yoweri Kaguta Museveni, hari haheze imyaka itari mike ataza mu Rwanda, bivuye ku cuka kibi ca politike cari hagati ya Uganda n'u Rwanda.