Amwe mu Mafoto y'Ivyaranze CHOGM n'Abitabiriye Iyo Nama Yari Imaze Iminsi Ibera mu Rwanda
CHOGM 2022 yaheze kuri uno wa gatandatu. Zimwe mu ngingo zayifatiwemwo, zirimwo ukwemerera Togo na Gabon kwinjira muri Commonwealth. Ivyo bihugu bisanzwe bikoresha Ururimi rw’igifaransa bikurikiye u Rwanda na Mozambique biri muri uwo muryango kandi bitakoronijwe n'Ubwongereza.

5
Mu bitabiriye CHOGM 2022, harimwo Igikomangoma c'Ubwongereza Charles, yari ahagarariye umwamikazi w'Ubwongereza Elizabati wa kabiri. Charles, ni uwo ari i bubamfu bwa Prezida Kagame.

6
Prezida w'u Rwanda Paul Kagame n'igikomangoma c'Ubwongereza, Charles, kuri ino foto bari mu ngoro y'umukuru w'igihugu c'u Rwanda, Urugwiro Village. Ibiganiro Igikomangoma Charles yagiranye na Prezida Kagame, vyari bishingiye ku migambi ivyo bihugu bisanzwe bisangiye mu bisata bitandukanye.

7
Igikomangoma Charles mu Rwanda yaherekejwe na madamu wiwe, Camilla. Uko ari babiri, ni ubwa mbere bari bagendeye ico gihugu. Iyo foto ya Madame Jeannette Kagame, Igikomangoma c'Ubwongereza Charles, Prezida Kagame, Madamu w'igikomangoma c'Ubwongereza (Camilla), yafatiwe mu Urugwiro Village, umunsi Prezida Kagame na Madamu wiwe bakira umuryango w'Igikomangoma c'Ubwongereza.

8
Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu c'u Rwanda, yakira umufasha w'igikomangoma c'Ubwongereza muri Village Ururwiro. Madamu Jeannette Kagame yavuze ko we na Camilla bagiranye ibiyago bishingiye ku gufasha mu vy'indero, amagara meza kuri bose, guteza imbere abapfasoni n'abakiri bato n'ibindi.