Amwe mu Mafoto y'Ivyaranze CHOGM n'Abitabiriye Iyo Nama Yari Imaze Iminsi Ibera mu Rwanda
CHOGM 2022 yaheze kuri uno wa gatandatu. Zimwe mu ngingo zayifatiwemwo, zirimwo ukwemerera Togo na Gabon kwinjira muri Commonwealth. Ivyo bihugu bisanzwe bikoresha Ururimi rw’igifaransa bikurikiye u Rwanda na Mozambique biri muri uwo muryango kandi bitakoronijwe n'Ubwongereza.
13
Prezida w'u Rwanda Paul Kagame yararonse akanya ko kuganira n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson, bagaruka ku migambi itandukanye iri hagati y'ivyo bihugu irimwo ukwimurira mu Rwanda abimukira bageze ku butaka bw'Ubwongereza bidaciye mu mategeko n'iyindo migambi y'ubutunzi.
14
Kuri ino foto: Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza n'umutambukanyi wiwe kumwe na Prezida w'u Rwanda n'umutambukanyi wiwe.
15
Uva i bubamfu uja i buryo: Igikomangoma c'Ubwongereza Charles, umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau na prezida w'u Rwanda Paul Kagame. Mu vyo Canada yemereye muri CHOGM 2022, harimwo kugurura ubuserukizi bwayo i Kigali mu Rwanda.
16
Kuri ino foto, prezida w'u Rwanda Paul Kagame yari kumwe n'umushikiranganji wa mbere w'izinga rya Bahamas ari we Philip Davis. Ino foto yafatiwe mu nama y'ubutunzi n'abanyamitahe b'ibihugu bigize Commonwealth.