Uko wahagera

Amakenga ku Cateye Umuriro mw'Ibohero ry' i Gitega mu Burundi


Ibohero ry'i Gitega ryahiye kuri uno wa kabiri
Ibohero ry'i Gitega ryahiye kuri uno wa kabiri

Reta y’Uburundi itangaza ko abanyororo 38 ari bo bahitanywe n’umuriro wadutse mw’ibohero rikuru rya Gitega ku murwa mukuru wa politike w'ico gihugu.

N’aho biri uko, amakuru ava mu bitaro bikuru vy’intara ya Gitega akemezwa n’abakozi b’ishirahamwe Croix Rouge ritabara imbabare avuga ko abahasize ubuzima barenga 50, kandi ko n’ico gitigiri gishobora kurenga cane kubera abakomeretse ari benshì hamwe n’abataratorwa.

Bamwe mu banyororo babwiye Ijwi ry'Amerika ko ugutabara kwatevye kuko haheze amasaha arenga abiri ata kimodoka kizimya umuriro bita “Kizimyamwoto” kirahashika.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru Akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda

Amashirahamwe Yigenga Asaba Amakenga ku Cateye Umuriro mw'Ibohero ry'i Gitega
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:03 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG