Uko wahagera

Gitega: Ishuri ry’I Mweya Ryakongotse


Abazamu bari hafi kuri iryo shure bavuga ko umuriro wamaze amasaha arenga abiri waka kuko wagiye kuhwamikwa n’ikiduga c’igipolisi kizimya umuriro cavuye mu gisagara ca Gitega.

Igice cahiye kigatokombera, n’ibiro bikoreramwo uwujejwe ivyirwa, ibiro vy’uwujejwe indero hamwe n’ibiro vy’abigisha. Manirambona Leocadie arongoye iryo shure ni we abisigura.

Aho twahashika mu gatondo k’uno wa mbere, abana biga kuri iryo shure bariko batoratora ibisigarira vy’ibitabo vyahitanywe n’uwo muriro.

Lyse Niyonkuru umunyeshure wo kuri iryo shure yavuze ko bafise impungenge kuko ibitabo bahora bakoresha vyahiye .

Amakenga y’uwo mwana w’umukobwa n’uko mu mwaka w’ishure uza amahera atangishwa umunyeshure ashobora kuduzwa kugira ngo basanure ivyononekaye.

Nkurunziza Revocat, uwundi munyeshure twahasanze, avuga bafise amakenga kuko abanyeshure batari bwaheze gutunganirizwa amanota akibaza ko inkaratasi z’amanota zoba zarahiye.

Urongoye iryo shure, Manirambona, araremesha abo bana bibaza ko bashobora kugira ikibazo ku mwimbu w’amanota usozera umwaka. Uyo muyobozi avuga ko baashoboye kurokora impapuro z’amanota n’aho zahiye ibice kandi ko amanota y’abanyeshure ari mu makaye y’abigisha.

Madame Manirambona, asaba abantu bose bitaho ikibazo c’indero kugira ngo bakore ibishoboka vyose bafashe kugira umwaka w’ishure uza uzotangure inyubakwa n’ibikoresho vyasanuwe.

Ishure ryisumbuye “Lycee de la perseverance” riri ku birometero indwi uvuye mu gisagara ca Gitega ku muhanda ugana i Mwaro. N’ishure ryegamiye ishengero rya giporotesitanti “Libre Methodiste” mu Burundi.

Abanyeshure baryigamwo bose hamwe ni majana atatu na bane dufatiye ku biharuro twakuye mu buyobozi bw’ishure.

XS
SM
MD
LG