Uko wahagera

Imangazini T2000 y’i Bujumbura Ryatokomboye


Iyo mangazini T2000 yahiye kuwa mbere tariki ya 21 y’ukwa cyenda 2015.

Imangazini y’Abashinwa iri mu za mbere nini yitwa T 2000 ku mugwa mukuru w,u Burundi Bujumbura yahiye iratokombera kuruyu wa mbere mu gitondo.

Abakozi b,iyo mangazini bemeza ko umuriro watewe n,umucanwa w,amatara w,ishirahamwe regideso ritanga amatara n,amazi.

Polisi y’uBurundi iremeza ayo makuru. Icegera ca mbere c,umukuru w,igihugu Gaston Sindimwo yavuze ko leta izofata mu mugongo abo badandaza b’Abashinwa.

Tureste iyo mangazini hari n’iyindi nzu y’uburiro( restaurant Hacienda) iri i ruhande yayo yahiye igice gitoyi. Umuriro wazimye inyuma y’amasaha ashika fahi kuri atatu.

Fire in Bujumbura
please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:04:09 0:00

XS
SM
MD
LG