Uko wahagera

Al-Shabab Yakoze Igitero kw'Ikambi ya Gisirikare muri Somaliya


Abarwanyi b'umurwi al-Shabab bakoze igitero kw'ikambi y'igisirikare ca Somaliya, bafata igisagara kiri mu gice co hagati mu gihugu. Ico gisagara bafashe cari cafashwe n’inteko za reta mu ntango z’uku kwezi.

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Amara mu ntara ya Galmudug batangaje ko igitero c’abarwanyi ba al-Shabab cabaye mu gutondo c’uno musi ku wa kabiri catanguye igihe umwiyahuzi yahiga inteko zidasanzwe za reta yituritsa na bombe.

Inteko za reta zafatanije n’inteko zidasanzwe zishuye n’ibitero vy’indege z’ingwano zica barwanyi batari bake nkuko bimenyeshwa n’itangazamakuru rya reta ata abirenga aho ryatangaje ku bakomeretse canke abishwe hamwe n’uko ibintu vyifashe mw’ikambi y’igisirikare yatewe n’igisagara cafashwe.

Amara ni igisagara gikomeye kiri kw’ibarabara rigana mu gisagara ca Harardheere, ciziziwe n’umurwi al-Shabab.

Radiyo, Andalus ya al-Shabab yatangaje kw’abarwanyi b’uwo murwi aribo bakoze igitero c’uno musi ku wa kabiri mu gisagara ca Amara. Yatangaje ko bafashe imodoka 14 n’amakamyo 10 ashirwamwo ibikoho bikomakomeye.

Mu ntango z’uku kwezi, inteko za reta ya Somaliya n’izo mu ntara ya Galmudug zari zigaruriye igisagara ca Amara, cari kimaze imyaka 10 kiri mu minwe ya al-Shabab. Zari zahabuje kandi ibisagara bitari bike vyari mu minwe y’uwo murwi, harimwo Baadweyn n’iyindi mihana itari mike mur’iyo ntara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG