Uko wahagera

Amerika Yaragavye Ibindi Bitero vy'Indege kuri Al Shabab muri Somaliya


Qeycad, Somalia
Qeycad, Somalia

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika cemanze ko cagavye ikindi gitero c’indege ku barwanyi ba al-Shabab, igitero kigize gatatu mu ndwi zidashika zibiri.

Iki gitero co kuri uyu w’Imana cari ico gushigikira abasirikare ba reta ya Somaliya mu micungararo y’igisagara ca Qeycad, muri reta ya Galmudug iri hagati na hagati mu gihugu, nkuko igisirikare ca Amerika kibivuga.

Reta ya Somaliya yatanguye ivuga ko cabereye mu gace, aho abasirikare ba reta bamenyerejwe na Amerika bariko barwanira n’intagondwa za Al Shabab. Nta makuru yatanzwe nimba abo barwanyi bakomeretse canke bishwe.

Ariko Al-Shabab, mw’ijambo yashikirije ku rubuga rwa interineti, yavuze ko inteko za reta, zifashijwe na Reta zunze ubumwe za Amerika ataco bashitseko mu mirwano yo kuri uyu w’Imana.

Ibitero biheruka vyabaye ku matariki ya 20 na 23 y’ukwezi kw’indwi muri iyo micungararo nyene. Vyabaye ibitero vya mbere vy’indege kuri al shabab muri Somaliya kuva Perezida wa Amerika Joe Biden ashikiriye ubutegetsi mu kwezi kwa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG