Uko wahagera

Bombe y'Abakekwa Kuba Al Shabab Yishe Abasirikare 2 muri Somaliya


Ahabereye Igitero c'Iterabwoba muri Somaliya
Ahabereye Igitero c'Iterabwoba muri Somaliya

Abantu bashika babiri bishwe abandi batanu barakomereka kuri uyu wa kane, inyuma y’aho umwiyahuzi aturikirije bombe mu nzu idandarizwamwo ibinyobwa, ku murwa mukuru Mogadishu wa Somaliya, nk’uko igiporisi n’abavyiboneye babivuze.

Ubwo bunywero buri mw’ihuriro ry’amabarabara, ahakunda gukoranira abantu benshi, mu buraruko bwa Mogadishu, aho n’abajejwe umutekano bakunda guteramira, bivuna umusase.

Umuporisi ajejwe kuyobora uruja n’uruza rw’imiduga mw’ibarabara, Mohamed Ali, yavuze ko yabonye abajejwe umutekano babiri bapfuye n’abandi basivile batanu bakomeretse.

Nta washotse yigamba ko ari we yakoze ico gitero. Ariko umuhari w’iterabwoba Al-Shabab ushamikiye kuri Al-Qaeda ni wo wama wakoze ibitero ku basirikare n’abasivile muri Somaliya. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG