Abategetsi mu gihugu ca Ghana bavuga ko abakobwa babiri bakomoka muri Canada bari banyurujwe mu ntango z’uku kwezi batabawe.
Ubushikiranganji bujejwe gutangaza amakuru muri Ghana buvuga ko igikorwa c’ukubatabara caherahejwe mu masaha ya kare y’uno musi ku wa gatatu mu ntara ya Ashanti iri mu bumanuko bwo hagati mu gihugu.
Kuva bakinyuruzwa mu ntango z'ukwezi kwa gatandatu nta mw'idondodoro wabo wigeze utangwa. Itangazamakuru muri Ghana ryavuze gusa ko ari abigeme b’imyaka 19 na 20 b'abitangirabushake bo mw’ishirahamwe “ Youth Challenge International” rifise icicaro mu gisara ca Toronto muri Canada.
Facebook Forum