Uko wahagera

Abanyeshure Babiri Bakomoka muri Canada Banyururijwe muri Ghana


Ikarata ya Ghana n'ibihugu bihana imbibe
Ikarata ya Ghana n'ibihugu bihana imbibe

Polisi ya Ghana yemeje kuri uno kane amakuru y’inyuruzwa ry’abanyeshure b’abakobwa babiri bakomoka muri Canada.

Itangazamakuru muri ico gihugu rivuga ko abo bigeme b’imyaka 19 na 20 banyururijwe mu gisagara ca kabiri, Kumasi, ku mugoroba w’umunsi wa kabiri bavanywe aho baba.

Nta mwidondoro w’abo banyeshure polisi yatanze. Gusa, yavuze ko bari abitangirabushake bo mw’ishirahamwe “ Youth Challenge International” rifise icicaro mu gisara ca Toronto muri Canada.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’amakungu muri Canada, Guillaume Bérubé, yanse kugira ico avuze kuri ano makuru ku mvo z’ico yise “Ugukingira umutekano w’abanyagihugu biwe.”

Ntibirashobora kumenyekana nimba abo banyeshure banyurujwe n’akagwi k’abantu bamaze iminsi banyuruza abanyamahanga mu ntumbero yo gusaba amafaranga imiryango yabo canke banyurujwe n’umurwi w’iterabwoba wiyitirira idini rya kiyislamu.

Iyo mirwi yompi uko ari ibiri imaze igihe inyuruza abantu muri Ghana no mu bihugu bihana imbibe. Mu mpera z’ukwezi kwa kane, Prezida wa Ghana Nana Akufo-Addo yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa AFP ati: “Ako kageso aha iwacu ntikahahora, twahora tukumva mu babanyi bacu bo muri Nijeriya.”

Mu kwa kane umu diplomate akomoka muri Estonie yamaze amasaha 24 mu minwe y’akagwi k’abagizi ba nabi baje kumenyekana ko ari abo muri Nijeriya, bari bamunyururije ku murwa mukuru Accra. Umugwizatunga ava mu Buhindi nawe yanyurujwe mu kiringo c’imisi ibiri avanywe mu gisagara ca Kumasi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG