Abatalibani banebaguye ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuba yigijeyo ingingo yerekeye uwuzoserukira Afuganistani muri iryo shirahamwe. Batangaza ko iyo ngingo idafatiye ku mategeko n’ubutungane kubera yima abanya Afuganistani uburenganzira bwabo.
Bizeye ko ubwo burenganzira bushikirizwa uwuserukira reta ya Afuganistani muri kazoza ka hafi kugira bashobore gutorera neza inyishu ibibazo vy’abanyagihugu n’ukubandanya bavugana n’amakungu mu buryo bwubaka.
Urwego rw’ishirahamwe ONU rijejwe kwemeza abaserukira ibihugu vyose bigize iryo shirahamwe rwagirishije ibiganiro mu mw'iherero ku musi wa gatatu rubisabwe n’abatalibani n’abasirikare bayoboye igihugu ca Myanmar mu ntumbero y’ugusubiriza abaserukira abo reta y’ivyo bihugu birukanye.
Urwo rwego rwafashe ingingo y’ukwigizayo ingingo yarwo ku bijanye n’ivyo bihugu bibiri nkuko ambasaderi w’Ubusweda muri ONU, Anna Karim Enestrom, ayoboye urwo rwego yabitangarije abamenyeshamakuru inyuma y’ibiganiro vyabereye mu mwiherero.
Iyo ngingo izotuma abatalibani n’abasirikare bayoboye Myanmar batarekurirwa muri iki gihe guserukira ibihugu vyabo muri ONU. Ama reta y’ivyo bihugu 2 ntaremerwa n’amakungu kubera yaciriwe ivomo.
Facebook Forum