Uko wahagera

Abarundi Barenga 100 COVID-19 Yari Yahejeje mu Rwanda Batahutse


Bamwe mu barundi bari baheze mu Rwanda
Bamwe mu barundi bari baheze mu Rwanda

Abarundi barenga 100 ikiza ca Corona cari cahejeje mu Rwanda bakiriwe mu Burundi. Pierre Nkurikiye, Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano yatangaje ko ubushikiranganji avugira bwakoresheje inguvu nyinshi kugira bikunde ko abo Barundi bugururirwa umupaka usanzwe wugaye.

Aho yabitangaza ku mupaka wa Gasenyi-Nemba, Nkurikiye yavuze ko ubwo bushikiranganji bwihetse ku ruhusha rudasanzwe rwahawe abahunguka kugira n'abo bugaranwe kubera COVID-19 bashobore gutahuka. Uburundi butegekanya gutanga Abanyarwanda bugaraniwe mu Burundi, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano akaba atamenyesheje igitigiri cabo.

Abugaranywe kubera COVID-19 bashitse ku mupaka wa Gasenyi-Nemba nk' igihe c'isaha 2 n'igice. Bamaze kwandikwa mu gipolisi kigenzura imbibe baciye basuzumwa ko ata bimenyetso vya COVID-19 bafise. Bitegekanijwe ko abasanze baterekana ibimenyetso vya COVID-19 baca bataha mu mihana yabo, abo bayitoye nabo bakajanwa aho bakurikiranirwa. Abo Barundi bakiriwe imbere y'Abandi bababa 600 bahungutse bavuye mw'ikambi ya Mahama ku muhingamo w'uyu wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG