Uko wahagera

Abanduye Covid-19 kw’isi Barenze Imiriyoni 119 n’Ibihumbi 500


Abanduye ikiza ca Virusi ya Corona kw’isi barenze imiriyoni 119 n’ibihumbi amajana atanu. Kaminuza ya Johns Hopkins ikora amatohoza kuri ico kiza ikagitangako amakuru ku mwanya ku mwanya, mu biharuro vyayo vyo kuri uno wa Mungu yerekana ko Reta Zunze Ubumwe z’Amerika ziza imbere mu bwandu.

Abanduye muri Amerika barenga imiriyoni 29 n’ibihumbi amajana ane. Igihugu ca kabiri kivugwamwo ubwandu bwinshi ni Brezile irimwo imiriyoni 11 n’ibihumbi amajana ane hagakurikira Ubuhindi burimwo abarenga imiriyoni imwe n’ibihumbi amajana atatu.

Mu Butariyano ibitigiri vy'abandura vyasubiye kuduga: Abanduye barenze imiriyoni zitatu n’ibihumbi amajana abiri. Ico gihugu catangaje ko kiriko kirikazanura mu guhangana n’ico kiza, kikizera ko mu kwezi kw’icenda kizoba kimaze gucandaga n’imiburiburi 80% vy’abanyagihugu. Mu zindi ngingo zo kugabanya ubwandu Ubutariyano bwafashe, harimwo gusubira kugara guhera ejo ku wa mbere amashure arimwo ayo ku murwa mukuru, Roma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG