Uko wahagera

OMS: Umuntu 1 kuri 10 Baba Kw'Isi Yoba Yaranduye COVID-19


Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku cicaro ca OMS i Geneve, mu Busuwisi, kw'itariki ya 14/08/2018.
Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku cicaro ca OMS i Geneve, mu Busuwisi, kw'itariki ya 14/08/2018.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS rivuga ko umuntu umwe kw’ijana kubaba kw’isi ashobora kuba yaranduye umugera wa corona.
Umukuru w’isigata kijejwe ibikorwa vyo gutabara muri OMS, Michael Ryan, yavuze kuri uyu wa mbere ko iryo shirahamwe rigereranya neza ko 10 kw’ijana vy’ababa kw’isi bashobora kuba baranduye.

Ico kigereranyo ca OMS gisigura ko hoba hamaze kwandura abantu bangana imiliyoni 760, vyerkana ko abanduye barenga incuro 20 ku biharuro bimaze gutangazwa.

Ibiharuro vyashikirijwe na kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika birenze imiliyoni 35 kuri uyu wa mbere, inyuma y’indwi abo uwo mugera umaze guhitana kw’isi barenze umuliyoni.

Ibihugu bitari bike vya Bulaya biriko biraronka abandura biyongera, aho Ubudagi kuri uyu wa mbere bwavuze ko abanduye barenze 300 000, mu gihe Ubwongereza bwashikanye 500 000, Espanye nayo yabaye igihugu ca mbere kuri uyo mugabane carengeje abanduye barenga 800 000.

Reta zunze ubumwe z’Amerika, amareta ashika ibice bibiri kuri bitatu yatangaje ko abandura biyongereye mu ndwi iheze. Amerika iza yarashikanye abarenga imiliyoni 7 n’ibihumbi amajana 4 bamaze kwandura Covid-19 hamwe n’abashika 210 000 bapfuye nkuko ibitigiri bitangwa na kaminuza Johns Hopkins bivyerekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG