Uko wahagera

OMS: Ibihugu Bikenye Bizofashishwa Ibipimo vya Covid 19


Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus
Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, rivuga ko ibipimo vyihuta bishika ku miliyoni 120 vy’umugera wa corona bizotegekanywa kugira bihabwe ibihugu bifise amikoro make, mu gihe isi iriko iregereza abahitanwa n’ico kiza umuliyoni umwe.

Umuyobozi wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yabwiye abamenyeshamakuru i Geneve kuri uyu wa mbere ko gupima umuntu bizotwara munsi y’amadolari atanu.

Yavuze ko amahinguriro y’imiti, Abbott na SD Biosensor, ariko arakorana n’ishirahamwe ry’umugwizatunga w’umunyamerika, Bill na Melinda Gates, kugira batange ivyo bipimo vya Covid 19 vyihuta mu kiringo c’amezi atandatu.

Kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika yashikirije kuri uyu wa mbere ko isi yababa umuliyoni umwe w’abantu bamaze guhitanwa n’uwo mugera. Iyo kaminuza ivuga kandi ko abarenga imiliyoni 33 bamaze kuwandura kw’isi.

Ubuhindi bwemeje ko kuri uyu wa mbere bwashikanye imiliyoni zitandatu z’abamaze kuwandura, inyuma ya Reta zunze ubumwe z’Amerika, aho abanduye barenze imiliyoni 7 mu ndwi iheze.

Umugabane wa Bulaya uriko uraronka ibitigiri binini vy’abandura bashasha, bituma amareta kuri uyo mugabane yongera gusubizaho ingingo ku banyagihugu no ku mirimo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG