Uko wahagera

Abanduye COVID-19 Kw'Isi Bashitse ku Miliyoni 30


Coronavirus in US
Coronavirus in US

Abantu bamaze kwandura umugera wa corona kw’isi hose kuri uyu wa kane bageze ku miliyoni 30, n’abashika 943 000 umaze guhitana kuva aho utanguye kugaragarira mu Bushinwa umwaka uheze.

Ni mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS ryagabishije kuri uyu wa kane ko uwo mugera watanguye kwongera gukwirakwira ku mugabane wa Bulaya ku bitigiri biteye ubwoba. OMS ivuga ko ari akamo gaterwa amareta ya Bulaya ko kwikangura.

Umuyobozi wa OMS ku mugabane wa Bulaya, Dr. Hans Kluge, aho yari i Copenhague muri Danemark yavuze ko uwo mugera wongeye gukwirakwira cane mu bafise hagati y’imyaka 25 na 49. OMS ivuga ko no mubageze muzabukuru ari uko bimeze.

Kluge abiha insiguro ko hariko haramenyekana abanduye benshi kuko abapimwa ari benshi, ariko kandi ko uwo mugera wongeye kwivyukiranya muri ako karere.

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, ikigo kijejwe gukinga no kugenzura indwara, CDC, muri iyi ndwi carerekanye ko abafise imyaka iri munsi ya 21 mu bwoko bw’inkehwa bandura cane COVID-19 ugereranije n’abanyamerika b’abazungu bari muri urwo rugero rw’imyaka.

Reta ya Amerika kuri uyu wa gatatu yarashize ahagaragara umugambi wayo wiyaguye wo guha ku buntu abanyamerika bose urucanco rwa Covid-19.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, bwavuze ko abahinga muvyo amagara y’abantu biteze ko ikigo c’Amerika kijejwe kugenzura no kwemeza imiti n’ibifungurwa, FDA, kizokwemeza ko urwo rucanco rutangura guhabwa abanyagihugu mu mpera z’uyu mwaka wa 2020. Yavuze ko reta yagiranye amasezerano n’amakompanyi akora imiti kugira bakore incanco zikwiye kugira abanyamerika bose bazobe bacandazwe mu mpera z’ukwezi kwa gatatu umwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG