Abajejwe gutabara muri Indoneziya batangaza abahitanywe na tsunami yatewe na nyamugigigima yo kuri uyu wa gatandatu bageze ku 373.
Iyo tsunami yasinzikaje cane intara ya Banten muri zitatu yaciyemwo yakomerekeje 1459 nkuko amakuru atangwa n’abo bategetsi abandanya abivuga.
Abarenga 100 ntawuzi irengero ryabo mu gihe amazu 681 yasenyutse, umuyagankuba ucika mu turere tutari duke.
Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yahojeje imiryango yabuze yongera avuga ko ONU yiteguriye gufasha abahuye n’ivyago.
Si ubwa mbere Indoneziya ihekurwa na Tsunami. Mu 2004, nyamugigima yakurikiwe na tsunami yahitanye abagera ku 220,000.
Facebook Forum