Uko wahagera

Haiti: Nyamugigima Yishe Abarenga 300 Ikomeretsa Abarenga 1800


Amwe mu mazu yabomotse
Amwe mu mazu yabomotse

Igisata kijejwe gutabara muri Haiti gitangaza ko abo kimaze kumenya ko bahitanywe na nyamugigima y’ejo ku wa gatandatu muri ico gihugu barenze 300. Abatari bake batatangajwe igitigiri baburiwe irengero nkuko ico gisata kibandanya kubivuga.

Iyo nyamugigima yari ku muvuduko wa magnitude 7,2 yakomerekeje abarenga 1800. Yumvikanye mu gisagara citwa Saint-Louis-du-Sud kiri ku birometero 160 uvuye ku murwa mukuru Port-au-Prince.

Amazu ataramenyekana igitigiri yasambutse, abajejwe gutabara bakavuga ko bakirondera aboba bahomokeweko n’ivyabomotse. Amavuriro asanzwe atari na menshi mu bice vyumvikanyemwo iyo nyamugigima avuga ko yarengewe n’ubwinshi bw’abakomeretse babandanya kuzanwa kuvuzwa.

Reta yatangaje ko Haiti ishizwe mu bihe bidasanzwe mu kiringo c’ukwezi. Haiti si ubwa mbere isinzikajwe na nyamugigima. Iyaciye muri ico gihugu mu 2010 yahitanye abarenga ibihumbi 200 ikomeretsa renga ibihumbi 300.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG