Uko wahagera

Inama Mpuzamakungu y'Abanyamitahe Mu Rwanda


Ikoraniro mpuzamakungu rigira irya kane ry’abanyamitahe mu Rwanda ryaratanguye ibikogwa vyaryo ejo ku musi wa mbere i Kigali, rikazorangiza ibikogwa vyaryo kw’italiki mirongo itatu z’uku kwezi. Twaraganiye n’umuyobozi w’ikigo, RIEPA, kijejwe imitahe n’uguteza imbere ugushorera hanze ibidandazwa bihinguriwe mu Rwanda, Francis Gatare, aratubwira ivyerekeye iryo koraniro.

Gatare avuga ko iryo koraniro ryahuje abanyamitahe b’abanyamahanga n’abanyamitahe b’abanyarwanda mbere n’abaserukira inzego za leta zitandukanye kugirango baganire hamwe uburyo bashobora kwongereza imitehe mu Rwanda. Ngo iryo koraniro ryitabwe n’abantu barenga amajana atatu bavuye hanze y’Urwanda n’abandi barenga amajana ane bo mu Rwanda. Ngo ni ikoraniro rishobora kugirira akamaro Urwanda.

Umuyobozo w’ikigo RIEPA, Francis Gatare avuga ko abanyamahanga babandanya kobona ko baashobora kwungukira mu gihugu c’Urwanda, ngo hari uburyo bwinshi bw’ugushobora kwuguka. Ngo aka arico gituma batumiye abanyamitahe bo mu mahanga.

Ibintu bikuru biteze ko bizova muri iyo nama ngo nuko abanyamahanga bazanye imitahe yabo mu Rwanda bazoshobora gusobanukigwa ku buryo Urwanda rubaha kugira bunguke. Ikindi ngo nuko bazoshobora gukorana n’abanyarwanda bashaka gufashanya n’abanyamahanga. Ica gatatu ngo bazoshobora kugira inama inzego zitandukanye za leta kuvyo zishobora gukora kurushiriza kugira bifashe abikorera ku giti cabo ku bijanye n’ukwunguka mu mirimo yabo.

XS
SM
MD
LG