Uko wahagera

Abafasha Uburundi Bahuriye i Bujumbura


Mu nyubakwa y'amakoraniro mu Kigobe, ahasanzwe hakorera abashingamateka, niho abafasha Uburundi bahuriye kw’igenekerezo rya 24 ry’ukwezi kwa gatanu, mu nama y'imisi ibiri, kugira bemere canke bahakane gutanga amafaranga yo gufasha Uburundi.

Umukuru w'igihugu, Petero Nkurunziza, niwe yuguruye ibikorwa vy’iyo nama. Mw'ijambo yashikirije, umukuru w'igihugu c'Uburundi yasavye kw'amakungu yofasha kunagura Ubutunzi bw'igihuga no kugwanya ubukene bubangamiye Abarundi. Yavuze ati mwarafashije igihe Abarundi bariko baricwa n'inzara, none tubasavye kubandanya. K’uruhande rwiwe, Presida Nkurunziza yiyemeje guhagararira amahoro n'umutekano mu kubandanya ibiganiro n'umuhari Palipehutu FNL, gushira imbere intwaro ibereye, demokarasi no kwubahiriza agateka ka zina muntu, ibisanzwe bisabwa n'amakungu kugira afashe.

Mur'iyo nama, Uburundi bwipfuza kuronka amafaranga angana n'umuriyaridi umwe n'imiriyoni amajana atatu na mirongo ibiri z'amadorari y'Abanyamerika, kugira igihugu kigwanye ubukene, kinagure ubutunzi bw'igihugu bwasinzikajwe cane n'intambara y'imyaka irenga cumi.

Abanyamigambwe, amashirahamwe ategamiye reta n'abanyagihugu baripfuza ko amafaranga yotangwa, ariko reta ikubahiriza intwaro ibereye, ayo mafaranga nayo agakoreshwa ico yagenewe. Ibikorwa vy'iyo nama idasanzwe yerekeye Uburundi yabandanije mu mwiherero kure y'abamenyeshamakuru. Ku musi wa gatanu ku muhingamo niho bitegekanijwe ko hamenyekana igitigiri c’amafaranga yatanzwe n'aho abafasha Uburundi bahagaze k’ukungene ayo mafaranga azokoreshwa.

XS
SM
MD
LG