Uko wahagera

Imyaka Mirongo Itanu Irarangiye Ishirahamwe ry'Ibihugu vy'i Bulaya Rishinzwe


Haheze imyaka mirongo itanu abategetsi b’ibihugu bitandatu vy’i Bulaya bateye igikumu ku masezerano atari make i Roma ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubutaliyano bashinze ishirahamwe ry’ugufashanya ry’ibihugu vyo mu karere k’i Bulaya, Hari kw’italiki 25 z’ukwezi kwa gatatu mu mwaka w’1957. Ayo masezerano niyo yacitse inkingi y’ishirahamwe ry’ibihugu vy’i Bulaya rigizwe muri iki gihe n’ibihugu mirongo ibiri n’indwi.

Ukuja hamwe kw’ibihugu vy’i Bulaya mu vyerekeye gufashanya mu vy’ubutnzi vyarahinduye bikomeye akarere k’i Bulaya. Bikaba vyibonekeza cane umuntu aravye igitigiri c’abakozi bava mu gihugu kimwe baja mu kindi mu karere k’i Bulaya. Ku bw’ibiharuro vyatanzwe na leta y’igihugu c’Ubwongereza, abanyabulaya yo mu buseruko bagera ku bihumbi mirongo irindwi baraje mu Bwongereza mu kiringo c’imyaka itatu kuva ishirahamwe ry’ibihugu vy’i Bulaya ritanguye kwaguka rigatera rija mu karere k’Ubulaya bwo mu buseruko.

Hugo Brady wo mu kigo cerekeye itunganywa gushasha ry’imigambi y’akarere k’i Bulaya kiri i Londres mu Bwongereza, avuga ko uburenganzira bw’ugutembera n’ugukora mu karere kose k’i Bulaya ariyo nkingi y’ugukorera hamwe muri ako karere. Brady avuga ko ikiranga akarere k’i Bulaya ari uruja n’uruza ata ntambamyi rw’ibidandazwa n’abantu. Ngw’ivyo nivyo abashizeho ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi bw’ibihugu vyo mu karere k’i Bulaya bashimikiyeko. Ngo bikaba vyarafashije gukomeza umutekano n’iterambere mu karere k’i Bulaya.

Jacki Davis wo mu kigo kijejwe ubushakashatsi ku migambi yo mu karere k’i Bulaya avuga ko umuntu aravye aho akarere k’ibihugu vy’i Bulaya kashitse mu kiringo c’imyaka mirongo itanu irangiye, ngw’ibintu vyinshi vyarashitsweko, ngw’akarere k’ubumwe bw’ibihugu vy’i Bulaya kagizwe n’abantu imilioni amajana ane, ngo hakoreshwa ifranga rimwe mu bihugu vyinshi bigize ako karere, ngo hari ugufashanya mu bice bitari bike, nk’ukugwanya ubugizi bwa nabi n’ukugwanya ukugeramira ibidukikije, ngo muri iki gihe hakaba hatanguye gutunganywa imigambi yerekeye politike yo hanze, umutekano n’ukwivuna abansi y’ubumwe bw’i Bulaya.

XS
SM
MD
LG