Uko wahagera

Abarundi Basigaye Bagurisha Utwabo Kubera Inzara


Mu buraruko bw'Uburundi, abantu barapfa abandi bakagurisha amazu n'imirima kubera inzara. Gushika ubu, ikibazo c'inzara nti kiratorerwa umuti mu Burundi. Abantu barabandanya kwicwa n'ico kiza. Mu ntara ya Muyinga iri m’uburaruko bw'Uburundi, abantu bageze aho bagurisha amabati, amazu, n'imirima, hanyuma bagahunga.

Ibitigiri vy'abicwa n'inzara biratandukanye. Abajejwe intwaro y’intango, bavuga ko mur'aya mezi abiri n'igice arangiye, abahitanywe n'inzara barenga amajana abiri na mirongo indwi. Buramatari w'intara Burikukiye Victor nawe yemeza ko abantu bamaze guhitanwa n’inzara batarenga mirongo ine n'indwi, ariko akavuga kw'abahitanwa n'indwara bivuye ku kubura inguvu bijanye n'inzara ari benshi nabo nyene. Aremera kw'ibiriko biraba biteye ubwoba.

Abanyeshure barenga ibice mirongo indwi kw'ijana barahevye amashure. Ku ma komine indwi agize intara ya Muyinga, ishirahamwe PAM riracagerageza gutanga ibifungurwa ku banyeshure bo mu mashure y'intango, mu ma komine abiri gusa. Buramatari w'intara avuga kw'imfashanyo zitangwa ari intica ntikize.

Abanyagihugu bakeneye imfungurwa n'imbuto, ari naco gituma kugurisha amatongo yabo canke imirima, ata na kimwe bibabwira. Reta y'Uburundi ivuga ko iriko iragerageza gutanga imfashanyo, ariko kugirango ingorane z'inzara zitorerwe umuti, isaba kw'ibihugu bifasha Uburundi n'abagiraneza, botanga imfashanyo irushirije iyari isanzwe itangwa mu mugambi wo kugwanya ico kiza.

Gushika ubu ibihugu vya Misiri na Libia nivyo bimaze kugarukira ku Barundi, mu gushikana i Bujumbura ibikoresho vy'uburimyi n'imfashanyo z’ibifungurwa. Amashirahamwe y'abagiraneza aragerageza gufasha, ariko ngo nayo nyene afise ingorane z'uburyo.

Mu ntango z'uyu mwaka, Perezida Petero Nkurunziza yategetse abarundi gutanga intererano, ariko amafaranga amaze kuboneka ngo ni make cane, ugereranije n'ibikenewe.

XS
SM
MD
LG