Uko wahagera

Urwanda Rwabaye Urwa Mbere Mw'Ihayanishwa ry'Ivy'Ingenzi i Berlin


Ihayanishwa ry’ivyerekeye ingenzi ry’i Berlin mu Budagi niryo hayanishwa rya mbere kw’isi. Twaraganiye na Madame Rosette Chantal Rugamba, umuyobozi w’ikigo kijejwe ivyerekeye ingenzi mu Rwanda, mu ncamake, ORTPN. Avuga ko iryo hayanishwa rimaze imyaka mirongo ine n’umwe, yamara Urwanda rwatanguye kuja muri iryo higanwa mu mwaka w’ibihumbi bibiri.
Umupfasoni Rugamba avuga ko iryo hayanishwa ryitabiriwe n’abafise ivyo bahayanisha ibihumbi cumi na kimwe baturuka mu bihugu ijana na mirongo ine na bine. Ngo yamara mau karere ka Afrika hari ibihugu mirongo itatu na bitatu.

Muri iryo hayanishwa ngo hari ibintu bibiri vyari bibajanye. Kimwe murivyo ngo kwari ukurondera amasoko, hakaba n’uguhiganigwa uduhembo dutangwa muri iryo hayanishwa. Mu rwego rwa Afrika, Urwanda rwabaye urwa mbere.

Ngo mu vyatumye batsinda, umuntu agiye mu kibanza Urwanda rwariko rugiriramwo ihayanishwa, nwg’ibintu vyose bakoresheje vyari vyavuye mu Rwanda ku buryo ngo umuntu agiye muri ico kibanza yumva koko ko ari mu Rwanda. Umupfasoni Rugamba avuga ko impuzu bari bambaye zari iza kinyarwanda. Ngo akandi karusho batwaye umupfasoni ajisha uduseke ava i Gitarama yagiye kwrekana ukugene agaseke kabohwa. Ngo abantu benshi baratangaye kubera bari bazi ko kabohwa n’imashini. Ngo ikindi mu nkuru bagiye baratanga zarimwo ama, “CD” n’udutabo twerekana aho Urwanda rugeze.
Ngo akandi karusho bari abaririmvyi. Ngo muri make ikibanza c’Urwanda nico kibanza umuntu yinjiramwo akumva yuko yinjiye mu Rwanda.

Umupfasoni Rugamba avuga ko ico bazokora ari ukubandanya biyungura kira mwaka, bakabandanya gushira imbere umuco. Ngw’ibihugu vyinshi bivuga ivyerekeye inyamaswa gusa ngo ugasanga ivyerekeye umuco ntibishizwe imbere. Ngo bazoguma batwara ibintu biranga umuco, ngo kandi bazobandanya biyemera, bumva ko ikintu cose bashizemwo inguvu

XS
SM
MD
LG