Uburundi bwaraye bwirukanye Sibi Lawson-Marriot aserukira ishamirya ONU ryitaho ibiribwa kw’isi, PAM, na Sarah Nguyen yatwara igisata c’umutekano muri iryo shirahamwe.
Abo bategetsi uko ari babiri, bakinjuye ejo ku wa gatanu inyuma yaho Reta y’Uburundi yari yabahaye amasaha 48 yo kuba bavuye ku butaka bwabwo, n’itegeko ryo kutongera kuhahonyoza ikirenge.
Amakuru Ijwi ry’Amerika dukesha iradiyo mpuzamakungu y’Abafaransa, RFI, akaba yuzuzanya n’ayo amasoko yacu mu biro vy’umukuru w’igihugu yaduhaye, avuga ko abo bapfasoni babiri bazize ubutumwa bwa imeyeri uburongozi bwa PAM bwandikiye abakozi bayo mu Burundi, bubasaba kwiyubara ku mutekano wabo, n’ivya ngombwa babwirizwa kwamana mu mihana yabo kugira bashobore kuronka ingene babaho igihe cose umutekano wohungabana.
Ubwo butumwa bwabahanura kugura stoke ishobora kubamaza indwi zibiri, irimwo ibiribwa, amazi, imiti, kwamana amaterefone arimwo umucanwa n'uburyo bwo gushobora guhamagara, bakamana n’amafaranga agera ku madorari 500 ku mufuko wabo, no kuraba ko baba ahantu vyokoroha kubatora bibaye ngombwa ko babatabara.
Impande zitandukanye Ijwi ry’Amerika dukesha ino nkuru zivuga ko, Reta y’Uburundi, yafashe ubutumwa bwa PAM nk’ubutera ubwoba abadiplomate bari I Burundi, n’abanyagihugu. Reta y’Uburundi yagirije abategetsi ba PAM birukanywe kubangamira umutekano w’Uburundi.
Amasoko abiri y’Ijwi ry’Amerika yizewe, yatubwiye ko reta y’Uburundi yari isanzwe ifitiye agashavu Umupfasoni Sibi Lawson-Marriot : “ Hari umunsi, yasavye abakozi bose gukorera muhira kubera umutekano, amanama, n’amahugurwa vyari kuba uwo munsi vyose bica birasiba. Ibi vyarababaje Reta.” Amasoko y’Ijwi ry’Amerika ni uko abivuga.
Radiyo y’Abafaransa RFI, ivuga ko abategetsi babiri ba PAM Uburundi bwirukanye bakinjuye mu gatondo k’ejo ku wa gatanu. Bagiye n’indege y’u Rwanda, RwandAir ihaguruka iva mu Burundi mu gatondo.
Abategetsi ba PAM mu Burundi birukanywe mu gihe umurwi wa M23 uriko wigarurira ibisagara bitari kure y’imbibe Uburundi buhana na Kongo. Ejo ku wa gatanu, M23 yigaruriye ikibuga c’indege ca Kavumu, aho Uburundi bwari bufise batayo zine z’abasirikare bari mu bagiye gufasha ingabo za Kongo mu rugamba zimazemwo na M23 bivugwa ko ishigikiwe n’u Rwanda.
Hagati aho, si ubwa mbere Uburundi bwirukanye abategetsi ba ONU bubaziza ivyo bavuze. Mu 2020, bwirukanye Muganga Walter Kazadi Mulombo yaserukira ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, n'abandi bahinga batatu b’iryo shirahamwe.
Aba, bazize ko bari basavye reta y’Uburundi gushira ahabona amakuru y’ingene ubwandu bwa virusi ya Corona bwari bwifashe ico gihe. OMS ico gihe yavuga ko hari amakuru menshi y’ubwandu bwa Corona reta y’Uburundi yahisha.
Forum