Uko wahagera

Kongo Yasohoye Umutahe wo Guhagarika Corneille Nangaa Arwanya Ubutegetsi


Sentare ya gisirikare muri Republika ya demokrasi ya Kongo yasohoye umutahe wo guhagarika Corneille Nangaa, ayoboye urunani rw'abarwanya ubutegetsi bw'ico gihugu, Alliance Fleuve Congo, AFC, mu mpfunyapfunyo.

Ubutungane bw’igisirikare bwa Kongo, bwagiriza Corneille Nangaa ko atahagaritse ibikorwa vyo kuboreza igufa abantu vyakozwe arorera.

Uwo mutahe, wateweko igikumu n’umucamanza afise ipete rya Koloneli, Mbuta Muntu Parfait, utegeka ko Nangaa ahagarikwa bidatevye akarungikwa muri Republika ya demokrasi ya Kongo.

Corneille Nangaa, yahoze ayoboye urwego rw’igihugu rwugenga rujejwe gutunganya amatora muri Kongo. Muri iki gihe ayoboye urunani AFC, akaba akorana n’umurwi urwanya ubutegetsi wa M23.

Abarwanyi b’umurwi M23 baherutse kwigarurira igisagara ca Goma. Abategetsi ba Reta ya Kongo bagiriza Nangaa ihonyangwa ry’agateka ka muntu, harimwo guboreza igufa umuyobozi w’ishure, mu gihe ingwano hagati y’igisirikare ca Reta n’umurwi M23 ibandanya.

Ingingo ya Reta ya kongo, yo gusohora umutahe wo guhagarika Corneille Nangaaa yerekana utwigoro tw’ico gihugu two gukubita intahe mu gahanga abafise uruhara rukomeye mu ntambara imaze igihe kirekire mu gihugu. Ntaco Corneille Nangaa canke abamuserukira bari bwishure ku vyerekeye umutahe wo kumuhagarika. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG