U Rwanda rurahakana ivyagiriji vya reta y'Uburundi, birwegekako ibitero vya grenade zamijaguwe mu bice bitandukanye vy'umurwa mukuru w'ubutunzi i Bujumbura, ku munsi wa gatanu.
Mu itangazo Leta y’u Rwanda yashyize ahagaraga kuri iki cyumweru yavuze ko Uburundi butari bukwiye kuzana u Rwanda mu bibazo byabwo.
Iryo tangazo rigufi rigira riti: “ Biragaragara ko hari ikintu kitagenda ku Burundi kugeza ubwo leta y’icyo gihugu irega u Rwanda kugira uruhare mu bitero bya geranade byabereye I Bujumbura, ibitero tudafite aho duhuriye nabyo kandi tudafitemo inyungu.
Iryo tangazo rirakomeza riti: “ Uburundi bufite ikibazo ku Rwanda, ariko twe nta kibazo dufite ku Burundi’”. Risoza rigira iri: “ Turasaba Uburundi kurangiza ibibazo byabo bafite mu gihugu ariko ntibakurure u Rwanda muri ibyo bikorwa bigayitse”.
Umutwe wa RED tabara nawo nyene reta y'Uburundi irawagiriza ivyo bitero. Mw'itangazo wasohoye, uvuga ko ntaho uhuriye navyo, kandi ko “ utagaba ibitero ku basivili”
Forum