Uko wahagera

Red Tabara na Reta y'Uburundi Vyagirizanya Ibitero vya Grenade i Bujumbura


Ishusho y'urusasu ntezantoke, Grenade.
Ishusho y'urusasu ntezantoke, Grenade.

Umurwi urwanya ubutegetsi bw'Uburundi, Red-Tabara, wamirira kure ivyagiriji vya Reta y'Uburundi biwegekako ibitero vya grenade zamijaguwe mu bice bitandukanye vy'umurwa mukuru w'ubutunzi bw'ico gihugu, I Bujumbura ku munsi wa gatanu.

Mw'itagazo umurwi Red-Tabara wasohoye wagize uti: "Mu kiganiro ubushikiranganji bujejwe umutekano w'Uburundi bwakoranye ku munsi wa gatandatu n'abamenyeshamakuru, umuvugizi w'ubwo bushikiranganji, Pierre Nkurikiye yegetse ibitero vya grenade ku murwi wa Red-Tabara. Kwihutisha kwegeka ibitero bigabwa mu Burundi ku mpande zitandukanye, ata matohoza yimbitse arakorwa, bitera kwibaza uruhara rwa Reta y’Uburundi muri ivyo bitero."

Itangazo ryashizweko umukono na Patrick Nahimana avugira igisata ca politike muri Red -Tabara ribandanya rigira riti: "Red-Tabara irahakanye yivuye inyuma uruhara muri ivyo bitero. Nta munsi wa rimwe uwu murwi uzigera ubangamira inzirakarengane z'abasivile. "

Muri iryo tangazo Ijwi ry'Amerika rifitiye kopi, Red Tabara yongerako iti: "Ubutegetsi bw'Uburundi bwari bukwiye kwitaho ibibazo bikomeye bihanze Uburundi, aho kwitoza utunyoni mu gusamaza abantu, buvuga ko buri mu matohoza y'amabi buzi neza ko bwakoze. Red-Tabara irahojeje imiryango y'abakozweko n'ivyo bitero."

Red-Tabara igize ico ivuga mu gihe abatavuga rumwe na reta y'Uburundi bemeza ko ibitero vy'uno wa gatanu “ari inkinamico y'ubutegetsi bw’ico gihugu, igamije gusamaza amakungu n’abanyagihugu kugira ibibazo bimaze iminsi bihanze Uburundi birimwo ubukene bw'igitoro buri ku rwego butari bwabeko kuva Uburundi bwabaho, n'amajambo Prezida w'Uburundi amaze iminsi ashikiriza akavugisha benshi ku mpande zitandukanye vyibagiranwe, ndetse n’abatishimiye ifungwa rya Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi, bipfuza kwotsa igitutu ubutegetsi.”

Ijwi ry'Amerika ntiryabashije kuronka uwemera kuvugira ku mugaragaro izi mpungenge zemejwe n'abatandukanye bakurikirana hagufi politike y'Ubutundi, barimwo abatavuga rumwe na reta n’abegereye ubutegetsi. Ico bikoze, ku mbuga ngurukanabumenyi ku musi wa gatanu mu gatondo, hari hiriwe ubutumwa bugabisha abanyagihugu bubasaba kwiyubara kuko "Umutekano ushobora guhungabana."

Uruhande abanditse ubwo butumwa bwo kugabisha imbere ko za grenade ziterwa ku wa gatanu begamiye, Ijwi ry'Amerika ntiryashoboye kurumenya, kuko rukoresha amazina rwihishwa arimwo nk'ayitwa, Urutare".

Hagati aho, Uburundi bwegetse kandi ibitero vy’uno wa gatanu ku Rwanda. Ibiro vy'umuvigizi wa reta y'u Rwanda bitangaza ko "ata kuri, kuri mu bishikirizwa n'abategetsi b'Uburundi kuri ivyo bitero".

Red Tabara Irahakana Uruhara mu Bitero vya Grenade i Bujumbura
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:18 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG