Uko wahagera

Uburundi Bwegetse ku Rwanda na Red Tabara Ibitero vya Grenade vyo ku wa Gatanu


Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw'umutekano mu Burundi
Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw'umutekano mu Burundi

Reta y’Uburundi yongeye kwagiriza umurwi wa Red Tabara urwanya ubutegetsi bw'ico gihugu na Reta y’u Rwanda kuba inyuma y’ibitero vya gerenade vyagabwe ku musi wa gatanu mu bibanza bitandukanye I Bujumbura.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe intwarao yo hagati, umutekano n’iterambere rusangi mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, yavuze ko ivyo bitero vyakomerekeje "abantu bagera kuri 35, ata n'umwe vyahitanye. Abaharanira agateka ka zina muntu na bamwe mu bamenyeshamakuru bakorera i Bujumbura bo yamara bavuga ko n'imiburiburi abantu 4 ari bo bahitanywe n'ivyo bitero.

Liyetena Koloneli de Police Pierre Nkurikiye, avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati n’umutekano mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku murango wo kuri uyu wa gatandatu, yerekanye uwagirizwa gutera ico gisasu yitwa "Buhungu Vénant". Nkurikiye yavuze ko Buhungu yafashwe afise n’iyindi grenade atari bwaturitse.


Muri ico kiganiro nyene, Lt Col de Pol Pierre Nkurikiye yavuze ko u Rwanda ari rwo ruha inyigisho n’ibigwanisho abo baza gutera ivyo bisasu rukabinjiza mu gihugu c’Uburundi rubacishije mu murwi wa Red Tabara. Yaba u Rwanda, yaba Red Tabara, nta ruhande na rumwe ruragira ico ruvuga kuri ibi vyagiriji.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye abicishije ku rubuga rwiwe X, rwahoze rwitwa Twitter, igihe yashikirije ubutumwa abarundi aho yahojeje abakozweko n’ico gitero yise iciterabwoba agira ati: “Turahojeje vy’imvamutima abakomerekeye mu gitero c’iterabwoba gihejeje kubera ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Bene Burundi, ni mugumye umutima, iterabwoba ntiryigeze ritsinda amahoro! Bitebe bitebuke, ababikora bazofatwa bakubitwe intahe mu gahanga. Imana ni yo nkuru!”

Mu gitondo co kuri uyu wa gatandatu, abanyagihugu bari mu mirimo yabo n’abandi barengana bariyamiriza ivyo vyaraye bikozwe bakavuga ko bababajwe n’inzirakarengane zakozweko n’ivyo bisasu.

Abanyagihugu bavuganye n'Ijwi ry'Amerika bibaza inyungu abariko barabikora babikuramwo. Basaba uwo wese abiri inyuma gukubitiza agatima mpembero akareka umunyagihugu agahangana n’ubuzima bavuga ko butoroshe muri ino minsi. Basaba Reta y’Uburundi gukora amatohoza hagafatwa ababikoze, uwo wese abifisemwo uruhara agashirwa imbere y’ubutungane.

Abo banyagisagara bavuga ko n’ubu bafise ubwoba kuko ngo hagize agakoma umuntu aca yibaza ko ari vyo bisubiye. Basaba abajejwe umutekano kubandanya barikanuye mu gihe mu kiringo kidashika indwi imwe izo grenade zitewe mu bibanza bitatu biri mu makaritiye n’amakomine atandukanye y’igisagara ca Bujumbura.

Grenade zitatu zatewe ku wa gatanu igihe c’isaha imwe n’inusu zirenga z’ijoro, zatewe ahari ama bisi aja mu Mirango, Gasenyi na Maramvya iruhande yahahoze isoko nkuru ya Bujumbura.

Ababibonye muri ayo masaha, imirongo y’abari batondeye amabisi, nayo nyene, adahari muri kino gihe kubera ikena ry’igitoro, yari miremire cane abandi barundanye bibaza uko bataha. Ni ko kwumva urwamo rw’ivyo bisasu bagahundagara. Abo vyafashe batangura gukoma induru batabaza abandi nabo biruka banyaga amagara.

Muri ako kanya, haciye hibonekeza abajejwe umutekano batari bake muri ico gituro. Uwari mu gisagara wese yagerageza kuraba uko ahava, abafise bagenzi babo bakozweko batangura kubatabariza, uwufise uwiwe arangurira imirimo mu gisagara hagati ahamagara amubaza ko yoba ariyo akiri. Imiduga yo mu bwoko bwa Taxi voiture n’iyindi yaciye itangura gusomba abantu ibajana mu bitaro bitandukanye.

Ku bitaro vy’abasirikare mu kamenge abakunzi b’ijwi ry’Amerika bashoboye gushika, hafi isaambiri z'ijoro, hajanywe abakomeretse barenga 13, ku bitaro vy’umwami karede mu Kamenge hajanwe 4 ariko batatu baca babarungika ahandi kuko ataho kubakirira bari bafise. Ni mu gihe ku bitaro vya Prince Regent ho ngo ibindi bisata nka vyose vyahagaritse ibikorwa banyarukira gufasha kwakira abahazanywe hamwe n’abakomeretse, nabo bakaba barenga 8. Hari n’abajanwe mu bitaro KIRA. Bamwe mu bakomeretse bari bababaye cane. Nkabo abakunzi b’ijwi ry’Amerika bashoboye kwibonera hari abavunitse amaguru hamwe n’abo ibisigarira vy’ivyo bisasu vyinjiye mu mubiri.

Inyuma yaho mu ma sambiri z’ijoro, ikindi gisasu caciye gituritswa imbere y’ikambi y’igiporisi gicunga inzego z’igihugu iri muri Zone Ngagara aho bita kuri Messes des officiers.

Fyonda hasi usome ibindi kuri ino nkuru Ijwi ry'Amerika yateguye iciye ku bakunzi bayo mu Burundi.

Ibisasu Vyaturitse i Bujumbura Vyatewe Nande?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:28 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG