Uko wahagera

Agathon Rwasa Yemeza ko ari we Akirongoye Umugambwe CNL


Umushingamateka Agathon Rwasa
Umushingamateka Agathon Rwasa

Umushingamateka Agathon Rwasa aheruka gukurwa ku burongozi bw’umugambwe CNL (Congrès National pour la liberté) amenyesha ko ari we akirongoye uwo mugambwe.

Rwasa avuga kandi ko agiye gutunganya ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe hisunzwe amategeko.

Umurwi utavuga rumwe na Rwasa wamusubirije Nestor Girukwishaka igenekerezo rya 11 uku kwezi kwa gatatu. Girukwishaka yatowe biciye mw'ikoraniro kaminuza ryabereye ku murwa mukuru w'intara ya Ngozi.

Uyu, ni Nestor Girukwigomba yatowe mu burongozi bwa CNL
Uyu, ni Nestor Girukwigomba yatowe mu burongozi bwa CNL

Ku bw'Umushingamateka Agathon Rwasa, itorwa rya Nestor Girukwishaka ni "ikinamico". Rwasa asaba abarongoye Uburundi kwubahiriza amategeko no kwitwararika ibibazo vy’ubutunzi bihanze aburundi, bakareka umugambwe CNL ukitunganya aho kurazwa ishinga no kuwusambura.

Rwasa abandanya kuvuga ko atangazwa no kwankirwa gutunganya ikoraniro kaminuza yari yasavye Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, mw’ikete ryo kuwa 28 Ruhuhuma 2024 ryari kuba ryabaye kuwa 02 Ntwarante 2024, ariko inyuma y’indwi imwe gusa akumva abahawe uburengazira bwo gutunganya ikoraniro ridasanzwe kw’izina ry’umugambwe CNL.

Umushingamateka Agathon Rwasa
Umushingamateka Agathon Rwasa

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano Martin Niteretse yemeje, ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere, ivyabereye mw’ikoraniro ridasanzwe ry’umugambwe CNL ryabaye kuwa 10 Ntwarante 2024.

Agathon Rwasa avuga ko abategetsi b’Uburundi bohindura uko biyumvira kuri kazoza n’ubuzima bw’igihugu aho kwiyumvira kuri kazoza kabo bonyene n’umugambwe wabo.

Rwasa asaba kandi abajejwe intwaro na cane cane umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kwigarura akareka umugambwe CNL n’indongozi zawo zizwi n’amategeko ukitunganya, bikurikije amategeko.

Nestor Girukwishaka, aheruka gutorwa ngo asubirire Agathon Rwasa ku burongozi, yari asanzwe arongoye ubunyamabanga bujejwe imigenderanire no gufashanya mu mugambwe CNL.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru Ijwi ry'Amerika yateguye iciye ku bakunzi bayo mu Burundi.

Rwasa Yemeza ko ari we Agitwara CNL
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:50 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG