Uko wahagera

Rwasa Yakuwe Ku Burongozi Bwa CNL


Nestor Girukwishaka
Nestor Girukwishaka

Mu Burundi, umurwi utavuga rumwe na Agathon Rwasa mu mugambwe wiwe CNL waratoye umukuru w'umugambwe mushasha kuri uyu wa Mungu.

Nestor Girukwishaka yatowe mw'ikoraniro kaminuza ryabereye ku murwa mukuru w'intara ya Ngozi mu buraruko. Ni mu gihe ibikorwa vya CNL vyahagaritswe n'ubutegetsi kuva mukwa gatandatu 2023.

Agathon Rwasa abifata nkaho atacabaye akavuga ko n'ubu ari we mukuru wa CNL. Urunani rw'abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Afrika Rwasa asanzwe arimwo rugabisha ko rushobora kwitwarira Reta y’Uburundi muri sentare ya EAC hamwe itoreka kwivanga mw'itunganywa rya CNL.

Nestor Girukwishaka yatowe, asanzwe ari umukozi mukuru mu bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu yatorewe manda y’imyaka 5 kurongora uwo mugambwe wari umaze umwaka urenga uri mu ndyane.

Yavuze ivyo agiye kwihatira harimwo ukwitegurira amatora yimirije.

Agathon Rwasa
Agathon Rwasa

Agathon Rwasa iryo koraniro ryabaye adahari. Mu kiganiro cihariye yahaye Ijwi ry’Amerika ari i Nairobi muri Kenya yemeje ko atatumiwe. Avuga ko ryahonyanze amategeko kuko abaritumyeko batari babifitiye ububasha.

Rwasa yemeza ko ata bwoba atewe n’ukubona hatowe indongozi nshasha z’umugambwe yashinze.

Abatorewe kurongora CNL ariko nabo nyene hari impungenge bafise zirimwo abantu bafungirwa ubusa, Abarundi bakiri mubuhungiro n’ibindi.

Mu bisanzwe ibikorwa vyose vya CNL vyari vyarahagaritswe kuva mu kwa gatandatu 2023. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Martin Niteretse yasiguye ko yashatse kwirinda imishamirano yokwaduka hagati y’impande zibiri zitumvikana. Mu mpera z’ukwa 12, Perezida Ndayishimiye yavugiye mu kiganiro mu ntara ya Cankuzo mu buseruko ko nawe yari kubigenzuko iyaba mu kibanza ca Niteretse.

Urunani rw’abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu bihugu vya Afrika na Rwasa abereye umunywanyi rugabisha ko rushobora kwitwarira Reta y’Uburundi hamwe itomurenganura. Martha Karua yari yitoreje mu kibanza c’icegera ca Perezida muri Kenya muri 2022 yavuze kw’izina ryabo. Nawe yahaye ikiganiro cihariye Ijwi ry’Amerika.

“ Turinginga abategetsi mu Burundi kureka kwivanga mw’itunganywa rya CNL. Bubahirize agateka ka zina muntu na demokarasi. Umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi ufise inguvu ni nkenerwa muri demokarasi ifatiye ku migambwe myinshi kandi bituma abanyagihugu b’aka karere n’isi yose bavyungukiramwo”.

Kuwa 26 ukwezi guheze, Rwasa yari yandikiye umushikirangankji w’intwaro yo hagati amusaba gukoresha ikoraniro ryo gutorera inyishu ibibazo biri mu mugambwe.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:34 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG