Uko wahagera

Kameruni: Urupfu rw'Umumenyeshamakuru Martinez Ruzobazwa Abantu 17


Kameruni yatangaje ko abantu 17 ari bo bazobazwa urupfu rw’umumenyeshamakuru w’icamamare, Salomon Mbani Zogo, azwi kw’izina rya Martinez.

Aba 17, barimwo Jean-Pierre Amougou Belinga, umugwizatunga akomeye muri Kameruni akaba ari nawe yashinze ikimenyeshamakuru citwa, Anecdote, kiri mu bigurwa cane muri ico gihugu.

Belinga yatawe muri yompi inyuma y’indwi zibiri Martinez agandaguwe ariko mu nyuma aza kurekurwa. Yagirizwa kuba yaragize uruhara mu guhohotera nyakwigendera. Abamuburanira babwiye abamenyeshamakuru ko ivyo yagirizwa ari irementanya.

Abandi bazoburanishwa muri ino dosiye y’Umumenyeshamakuru Martinez, barimwo Maxime Léopold Eko Eko, yahoze atwara igisata kijejwe iperereza muri Kameruni. Yagirizwa ko yagize uruhara mu guhohotera Umuhisi Martinez.

Justin Danwe, ajejwe ibikorwa muri ico gisata c’iperereza ca Kameruni, nawe azoburanishwa ku vyagiriji vy’uruhara yoba yaragize mw’igandagurwa rya Martinez.

Ubutungane bwa Kameruni bwatangaje ko bwafundikiye amatohoza, kandi bufise ivyemezo vyo gutangura kuburanisha mu mizi uru rubanza.

Amatariki imburano zizotangurirako ntiyatangajwe. Abanyagihugu ba Kameruni, bavuga yamara ko ata butungane bubereye buzoboneka muri ico gihugu kiza mu vya mbere mu bitubahiriza ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.

Ku bihugu 180, ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, RSF, rishira Kameruni ku mwanya wa 118 mu vyo kubahiriza ubwigenge bw’abamenyeshamakuru. Mu mwaka uheze, abamenyeshamakuru 3 muri ico gihugu barishwe bazira umwuga wabo.

Arsene Salomon Mbani Zogo batazira Martinez, yagandaguwe ku myaka 50. Yamenyekanye kubera inkuru zica kw’iradiyo yakora yerekana ingene abayobozi ba Kameruni barya ibiturire. Izo nkuru yazikora atarya umunwa, akenshi akadudurirako atanga amazina y’abategetsi bakora amanyanga atandukanye.

Ikiziga ciwe , catowe cononekaye imbere y’ahakorera polisi I Yaounde ku murwa mukuru wa Kameruni, igenekerezo rya 17 z’ukwezi kwa mbere ko mu 2023. Abakihazanye vyaboneka ko bakihataye inyuma y’iminsi yari amaze agandaguwe.

Forum

XS
SM
MD
LG