Uko wahagera

Abamenyeshamakuru ba Kameruni Basaba Amatohoza kw'Iyicwa rya Zogo


Abamamenyeshamakuru muri Kameruni basaba amatohoza kw'inyuruzwa hamwe n’iyicwa rw’umumenyeshamakuru azwi cane Martinez Zogo. Martinez Zogo yanyurujwe mu ndwi iheze inyuma yaho avuze ko ashobora kuzokwicwa kubera amatohoza yari atanguye ajanye na ruswa iri mubategetsi ba reta.

Ururirimbo rw’umunye Burkina Faso Alpha Blondy rwiswe “Abamenyeshamakuru barabangamiwe” ni rwo ruruguma ruvuzwa ku maradiyo mu gisagara ca Yaounde no hagati mu gihugu ahakorerwa urundazwa cane i Duala. Blondy yari yasohoye urwo ruririmbo kw’itariki ya 13 mu kwezi kwa 12 umwaka wi 1998 inyuma y’igandagurwa ry’umumenyeshamakuru Norbert Zongo.

Uno musi urwo ruririmbo rwavugijwe mu kwibuka Martinez Zogo yari asanzwe azwi cane. Ikiziga ca Zogo catowe ejo ku musi wa Mungu mu kigwati ca Soa kiri hafi y’umurwa mukuru. Ivyo bibaye inyuma y’imisi itanu anyurujwe n’abicanyi bataramanyekana.

Hafi ibinyamakuru vyosi muri Kamerun biranegura iyicwa rya Zogo azwi kuba ashira ahabona amakuru ahishije kandi akurikiranira hafi ibibazo vy’isesagurwa y’amatungo yar eta.

Zogo yari umukuru w’iradiyo yigenga Amplitude FM ikorera ku murwa mukuru. Yakora ibiganiro mu gifaransa bijanye n’ubuzima bwa misi yose harimwo n’ibijanye n’intwaro zibereye. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG