Misiri igabisha ko itazokwigera yemera canke ngo yihanganire ico yita “agasomborotso akariko kose kuri Somaliya.”
Prezida wa Misiri Abdel Fattah al-Sisi, abivuze inyuma y’uko Etiyopiya itangarije ko ishobora gufata Somaliland nk’igihugu cigenga biciye mu masezerano Etiyopiya iheruka kugirana na Somaliland.
Mu vyo ayo masezerano atomora bimaze kuja ahabona, harimwo ko Etiyopiya ishigikira Somaliland mu mugambi wayo wo kwiyonkora kuri Somaliya, kikaba igihugu cigenga, no kuyiha umutahe muri kompanyi y’indege yegukira Etiyopiya.
Somaliland nayo muri ayo masezerano, yemera ko yoca iha Etiyopiya umuhora uyishikana kw’ibahari mu ntumbero yo kworoherwa mu vy’ubudandaji na gisirikare. Ubukote bw’uwo muhora uzoba ureha n’ibirometero bigera kuri 20 bwomara imyaka 50.
Mu kiganiro prezida wa Misiri yakoranye n’abanyamakuru ari kumwe na mugenzi wiwe wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud, yiyamirije ayo masezerano agira ati: “ Reka ndababwire. Misiri ntizokwigera yihanganira na gato uwuzoshaka guhungabanya umutekano wa Somaliya. Ntugashake gusomborotsa Misiri, canke ngo usomborotse bene wacu, na cane cane igihe badusavye kubashigikira. Ubutumwa bwanje kuri Etiyopiya ni ubu: Nta n’umwe ashobora kwihanganira ukugerageza kwimanyurira ubutaka bw’ikindi gihugu mu ntumbero yo kubwigarurira.”
Itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza Reuters, risesangura rivuga ko aya majambo ya prezida wa Misiri ari yo ya mbere akarishe avuze kuri iki kibazo.
Ku bwa Reuters, amajambo ya Prezida Sisi yerekana ko Misiri yinjiye ku mugaragaro mu matati ya Somaliya na Etiyopiya. Reta ya Etiyopiya ntaco iravuga ku vyavuzwe na prezida wa Misiri.
Misiri yari isanzwe itarabana ryiza na Etiyopiya kubera ukutumvikana ku rugomero runini Etiyopiya yubatse ku ruzi rwa Nil.
Somaliland ibarizwamwo abanyagihugu bagera ku miriyoni 4 n'ibihumbi 500 yatangaje ko yiyonkoye kuri Somaliya kuva mu mwaka wa 1991. Kuva ico gihe ariko, nta gihugu na kimwe kiremeza ko Somaliland yigenga. Ifatwa ahubwo nk’iyegukira Somaliya.
(REUTERS)
Forum