Somaliya, kuri uyu wa kane, yatangaje ko igikorwa co kuyumvikanisha na Etiyopiya kidashoboka mu matati bifitaniye, kiretse ico gihugu gifuse amasezerano cagiranye n'intara ya Somaliland.
Icuka kibi mu karere ko mw’ihembe rya Afrika cariyongeye inyuma y’uko Etiyopiya ipfunditse amasezerano na Somaliland kw’itariki ya mbere y’ukwezi kwa mbere. Ni amasezerano aha uburenganzira Etiyopiya bwo gushika ku kiyaga gitukura.
Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Somaliya, kuri uyu wa kane, bwavuze ko ata biganiro bishobora kuba na Etiyopiya kiretese ico gihugu gihevye amasezerano buvuga ko aciye kubiri n’amategeko, Etiyopiya yagiranye na Somaliland. Ubwo bushikiranganji busaba kandi Etiyopiya gusubira kwubahiriza ubwigenge n’imbibe za Somaliya
Reta ya Somaliya yabitangaje inyuma y’uko urwego rujejwe gutatura amatati rw’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika, ku musi wa gatatu, ruganiye ikibazo kiri hagati ya Etiyopiya na Somaliya, rugasaba ivyo bihugu vyompi kwifata, bigashira imbere ibiganiro nyakuri bigenewe gutorera inyishu iciye mu mahoro, ikibazo bifitaniye.
Ishirahamwe rijejwe iterambere rigizwe n’ibihugu 8 vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko, IGAG, kuri uyu wa kane, ryatunganije inama idasanzwe ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala yihweza amatati hagati ya Etiyopiya na Somaliya, hamwe n’intambara muri Sidani. Ivyo bihugu vyose uko ari bine biri mw’ishirahamwe IGAD, hamwe na Sudani yo mu bumanuko, Jibuti, Kenya, na Eritereya. (AFP)
Forum