Uko wahagera

Barankitse: Maison Shalom ni Umurima w'Urukundo n'Amahoro


Marguerite Barankitse, yatanguje ikigo Maison Shalom
Marguerite Barankitse, yatanguje ikigo Maison Shalom

Ikigo Maison Shalom gikorera mu gisata c’impunzi no gufasha abana batandukanye kiriko kirahimbaza imyaka 30 kimaze gitanguye gukora imirimo itandukanye yo gufasha.

Ikigo Maison Shalom catanguye kwakira abakigana kuva mu kwezi kwa 10 kw’igenekereza rya 24 umwaka w’1993, inyuma y'ubwicanyi bwakurikiye urupfu rwa Perezida Melchior Ndadaye.

Margueritte Barankitse, kumwe na Dieudonne, ari mu bana bafashijwe na Maison Shalom igitangura mu 1993.
Margueritte Barankitse, kumwe na Dieudonne, ari mu bana bafashijwe na Maison Shalom igitangura mu 1993.

Umupfasoni Marguerite Barankitse yashinze ikigo Maison Shalom, mu kiganiro cihariye yahaye Ijwi ry’Amerika avuga ko Maison Shalom yayishinzwe mu ntumbero yo kurema urwaruka rushasha ruzorangwa n’urukundo rudahagaze ku bwoko muri kazoza.

Umuvyeyi Barankitse muri ico kiganiro yasiguriye Ijwi ry'Amerika ko Maison Shalom atari irerero ry’impfuvyi ahubwo ari umurima w’urukundo n’amahoro.

Ijwi ry’Amerika ryavuganye na bamwe mu barundi batanguranye na Maison shalom mu ntara ya Ruyigi mu Burundi mu mwaka w’1993 bamaze kwicirwa abavyeyi babo. Muri bo, harimwo Lysette Irakoze, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko we n'abo bakuranye harimwo mwenewabo Lydia, baronkejwe indero umuvyeyi wese abwirizwa guha abana biwe.

Kuri iyo foto, harimwo abana barerewe mu kigo Maison Shalom kuva kigitangura: 1) Justine, 2) Chloé, 3) Pierre Claver, 4) Claude, 5) Agnes, 6) Lydia, 7) Lysette, 8) Beatrice, 9) Joseline, 10)Barankitse
Kuri iyo foto, harimwo abana barerewe mu kigo Maison Shalom kuva kigitangura: 1) Justine, 2) Chloé, 3) Pierre Claver, 4) Claude, 5) Agnes, 6) Lydia, 7) Lysette, 8) Beatrice, 9) Joseline, 10)Barankitse

Emery Emerimana, nawe yarezwe na Maison Shalom, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko yigishijwe gufasha abandi biturutse ku nyigisho bahabwa n'ico kigo iminsi yose. Avuga ko hari akagemwe k'urukundo babibwemwo bategerezwa kubiba mu bandi.

Mu bikorwa vyaranze indwi y'isabukuru y'imyaka 30 Maison Shalom imaze, birimwo ukugendera impunzi mu makambi zirimwo, ukugurura icese ishure ryitiriwe Umweranda Anne rya Maison Shalom riri i Kigali mu Rwanda no kugurura icese ikibuga ca Tennis kiri kuri iryo shure riri ahakorera Maison Shalom i Kigali mu Rwanda.

Ikigo Maison Shalom gihimbarije mu gihugu c'u Rwanda imyaka 30 kimaze, inyuma y'uko Uburundi bucugaye mu 2015 mu mvururo zatewe na manda ya gatatu y'Umuhisi Petero Nkurunziza.

Fyonda munsi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Thierryve Ndayishimiye.

Barankitse: Urukundo Ruzokwama Rutsinda
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:35 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG