Uko wahagera

Etiyopiya: Intambara Zongeye Kwaduka mu Ntara ya Amhara


Abasirikare ba Etiyopiya ku Rugamba
Abasirikare ba Etiyopiya ku Rugamba

Ukundi gutana mu mitwe hagati y'inteko za Reta ya Etiyopiya n'abarwanyi bo mu ntara ya Amhara kwasubiye kwaduka mu gisagara ca Gondar kigira kabiri mu bunini muri iyo ntara.

Ababa mu gisagara ca Gondar batangaje ko abarwanyi bo mu ntara ya Amhara bazwi kw’izina rya Fano, ku musi w’Imana, barwanye n’inteko za Reta ya Etiyopiya muri ico gisagara. Gondar ni akarere kagenderwa cane n’ingenzi kandi gakorerwamwo imirimo y’ubudandaji. Umwe mu baba muri ico gisagara yavuze ko ingwano hagati y’izo mpande zibiri yari ikomeye cane. Ntiyashatse gutanga izina ryiwe ku mpamvu z’umutekano wiwe.

Ababa mu gisagara ca Gondar, batangaje ko muri rusangi umutekano wari wagarutse muri ico gisagara mu gitondo co kuri uyu wa mbere. Abasirikare ba reta bari basubiye kugenzura ico gisagara, naho amasasu yari acumvikana mu bice bimwe bimwe vyaco.

Ubwicanyi n’uruhagarara vyarageramiye intara ya Amahara iri mu buraruko bwa Etiyopiya. Mu ntango z’ukwezi kw’umunani kurangiye, abarwanyi bazwi kw’izina rya Fanao barigaruriye ibisagara bitari bike mu ntara ya Amhara. Yamara igisirikare ca reta carasubiye gufata ivyo bisagara inyuma y’imisi itari mike. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG