Uko wahagera

Etiyopiya, Sudani na Misiri Vyananiranye Kwumvikana ku Rugomero rw'Amazi ya Nil


Urugomera rwa Etiyopiya ku ruzi Nil
Urugomera rwa Etiyopiya ku ruzi Nil

Ibiganiro vy'imisi itatu, hagati ya Etiyopiya, Sudani na Misiri ku vyerekeye urugomero rukomeye rw'amazi ku ruzi Nil, vyarangiye ejo ku musi w'Imana, ata masezereno ashitsweko. Ivyo biganiro vyabereye ku murwa mukuru wa Etiopiya, Addis Abeba.

Seleshi Bekele, yari ayoboye abajejwe ibiganiro ku ruhande rwa Reta ya Etiyopiya, yatangaje ko igihugu ciwe n’ibihugu vya Sudani na Misiri vyahanahanye ivyiyumviro vyubaka ku bibazo bikomeye bitandukanye.

Yavuze ko ivyo bihugu vyemeye kubandanya ibiganiro. Umushikiranganji ajejwe amazi mu gihugu ca Misiri, yaragirije Etiyopiya ko irwanya ukwumvikana ukwarikwo kwose. Yaratangaje ko amasezerano yari akenewe mu ntumbero yo gukingira inyungu z’igihugu ciwe ku bijanye n’amazi y’uruzi Nil hamwe n’inyungu z’igihugu muri rusangi.

Ibiganiro ku ruzi Nil bimaze imyaka itari mike biba hagati ya Etiyopiya, Sudani na Misiri. Vyasubiye kubandanya mu kwezi kw’umunani kw’uyu mwaka inyuma y’uko bimaze igihe kitari gito vyarahagaze.

Etiyopiya na Misiri bifise icizere ko amasezerano azoshobora gupfundikwa mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka. Mu ntango z’uku kwezi, umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, yaratangaje ko incuro ya nyuma yo kwuzuza amazi mu rugomero ku ruzi Nil yaherahejwe.

Uno musi ku wa mbere umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Etiyopiya, yatangaje ko impungenge za Misiri na Sudani zumvikana. Yamara yavuze ko inyungu z’igihugu ciwe ku ruzi Nil zitegerezwa gukingirwa. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG