Uko wahagera

Ibihugu vy'Abarabu mu Gufasha mu Matati ku Rugomero ku Ruzi Nil


Ku rugomero Grand Renaissance rwa Etiyopiya
Ku rugomero Grand Renaissance rwa Etiyopiya

Abashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi makungu b’ibihugu vyo mw’ishirahamwe ry’Abarabu bahuye kuri uyu wa kabiri muri Qatar, mu twigoro two gufasha mu matati y’urugomero ku ruzi Nil hagati ya Misiri, Sudani na Etiyopiya.

Umushikiranganji wa Misiri w’imigenderanire yavuze ko igihugu ciwe kirondera umuti wa kidipolomasiya, atari uw’intambara, ku mugambi wa Etiyopiya wo kwuzuza amazi urugomero rwiswe Grand Renaissance, umugambi utegekanijwe mu kwezi kuza.

Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, umukuru w’ishirahamwe ry’Abarabu, Ahmed Aboul Gheit hamwe n’umushikiranganji wa Qatar ajejwe imigenderanire, Mohammed bin Abdel Rahman bin Jassem al Thani bavuze ko bituye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano gufasha gukemura ayo matati hagati y’ivyo bihugu.

Iryo shirahamwe rivuga ko ririko riragerageza gukinga intambara igihe Etiyopiya yosubira kwuzuza amazi muri urwo rugomero Grand Renaissance mu kwezi kuza, kandi ata masezerano y’isabikanya ry’ayo mazi ico gihugu kirapfundika na Misiri na Sudani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG