Uko wahagera

Irani na Amerika Bahanahanye Imbohe


Siamak Namazi na Morad Tahbaz, barekuwe mu guhanahana imbohe hagati ya Reta zunze ubumwe z'Amerika na Irani. Bari bashitse ku kibuga c'indege mpuzamakungu c'i Doha muri Katari, kw'itariki ya 18/09/2023
Siamak Namazi na Morad Tahbaz, barekuwe mu guhanahana imbohe hagati ya Reta zunze ubumwe z'Amerika na Irani. Bari bashitse ku kibuga c'indege mpuzamakungu c'i Doha muri Katari, kw'itariki ya 18/09/2023

Abanyamerika batanu bahora bapfungiwe muri Irani bavuyeyo. Bashitse i Doha muri Katari uno munsi ku wa mbere, imbere yo kuzohava batahuka.

Abo Banyamerika batanu barekuwe na Irani biciye mu masezerano yo guhanahana abanyororo hagati y’Amerika na Irani. Barimwo umugwizatunga yitwa Siamak Namazi, yafashwe mu 2015 yagirizwa gusuma urusaku, Emad Sharqi w’umugwizatunga, Morad Tahbaz ari mu baharanira agateka k’ibidukikije, n’abandi babiri batashimye ko amazina yabo atangazwa.

Abategetsi b’Amerika ntibatangaje igihe abarekuwe bazoshikira i Washington DC. Bavuze gusa ko bazoshika bitabwaho n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi kugira bubafashe kuruhuka no kumenyera ikibano.

Bose uko ari batanu, batwawe muri Katari inyuma y’aho Koreya y’epfo irekuye imiriyaridi zitandatu z’amadorali ya Irani yari yarafatiwe mu mabanke y’ico gihugu.

Kurekura ayo mafaranga vyari mu vyo Irani isaba kugira umugambi wo guhanahana abanyororo hagati y’ico gihugu n’Amerika ukunde.

Amerika yavuze ko amafaranga yose yarekuwe ata kindi Irani yemerewe kuyakoresha kiretse ukugura imfungurwa, imiti n’ibindi vya nkenerwa vyo gufasha abanyagihugu.

Ku rundi ruhande, ibinyamakuru vyo muri Irani vyatangaje ko babiri mu banyagihugu ba Irani Amerika yemeye kurekura nabo nyene baja bashitse I Doha muri Katari. Batatu basigaye, bahisemwo kuguma muri Amerika nk’igihugu cabo ca gatatu.

Muri abo batanu, harimwo uwitwa Reza Sarhangpour na Kambiz Attar Kashani. Bagirizwa kuba barabangamiye ibihano Amerika yafatiye Irani, na Kaveh Lotfolah Afrasiabi yagirijwe gukorera reta ya Irani ku butaka bwa Amerika. Babiri basigaye ari bo Mehrdad Moein Ansari na Amin Hasanzadeh, bagirijwe ubucuti boba bari bafitaniye n’abajejwe umutekano bo muri Irani.

Abanyagihugu ba Irani barekuwe mu gihe Prezida Joe Biden w’Amerika yatangaje ibihano yafatiye Mahmoud Ahmadinejad yahoze ari prezida wa Irani, n’umushikiranganji araba ivy’iperereza muri ico gihugu.

Amerika yagabishije ko Irani ishobora kuguma yiheka inyuma y’Abanyamerika ipfunga kugira ishike ku vy’ishaka. Reta y’Amerika yabwiye abanyagihugu bafise pasiporo z’Amerika ko ata mvo n’imwe yobatuma baja muri Irani.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu bwatangaje ko muri rusangi ubutegetsi bwa Prezida Joe Biden bumaze gupfunguza abanyagihugu b’Amerika 30 bari bapfungiwe ico Amerika yita ubusa, mu bihugu bitandukanye. Muri abo 30 harimwo Paul Rusesabagina yapfungiwe mu Rwanda. Uyu yarekuwe mu kwezi kwa Gatatu uyu mwaka wa 2023. U Rwanda rwari rwaratangaje ko rwamutaye muri yombi mu kwezi kwa munani 2020, iminsi mike inyuma y’uko umuryango we wari wavuze ko wamubuze.

Forum

XS
SM
MD
LG