Uko wahagera

Amerika na Irani Vuba Birahanahana Imbohe


Ifoto iirko zimwe mu mbohe Irani n'Amerika bizohanahana
Ifoto iirko zimwe mu mbohe Irani n'Amerika bizohanahana

Igikorwa co guhererekanya imbohe zose hagati ya Irani na Amerika gishobora kuzofata amezi agera kuri abiri kugira gihere.

Irani yabitangaje kuri uno wa mbere ibicishije ku mushikiranganji wayo ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Nasser Kanaani.

Ibihugu vy'Amerika na Irani vyumvikanye guhanahana imbohe bifitaniye mu ntango z’uku kwezi. Muri rusangi, Irani izoha Amerika abanyagihugu bayo batanu, Amerika nayo ihe Irani abayo batanu.

Amasezerano hagati y'Amerika na Irani ategekanya kandi ko Amerika irekura amafaranga ya Irani agera ku miriyaridi 6 yafatiye muri Koreya y’Epfo.

Ibinyamakuru vyo muri Koreye y’Epfo bivuga ko ayo mafaranga yose yashitse muri banki nkuru y’Ubusuwise mu ndwi iheze, kugira avunjwe hama arungikwe muri Irani (VOA, Reuters)

Forum

XS
SM
MD
LG