Uko wahagera

Gabon: Ali Bongo Aridegemvya, Ashobora Kuja Kwivuza Hanze y'Igihugu


Ali Bongo Ondimba, ari mu kirimba aho yari afungiwe
Ali Bongo Ondimba, ari mu kirimba aho yari afungiwe

Uwahoze ari Prezida wa Gabon aherutse gukurwa ku butegetsi, Ali Bongo Ondimba aridegemvya kuva uyu musi ku wa kane, kandi ashobora gufata urugendo akaja kwivuza mu mahanga.Yahora apfunzwe icamaso kuva akuwe mu ndwi iheze. Vyatangajwe n’abategetsi ba gisirikare barongoye igihugu muri iki gihe.

Umuvugizi wa reta y’imfatakibanza Colonel Ulrich Manfoumbi, abicishije kuri televiziyo, ejo ku musi wa gatatu yagize ati: “Arashobora, mu gihe yoba avyipfuza kuja mu mahanga kwivuza”.

Nta makuru y’ukuntu amagara yiwe yifashe muri iki gihe aratangazwa gushika ubu, ariko mu mwaka w’2018 yarafashwe n’ingwara y’umuvuduko w’amaraso, yatumye atarangura amabanga yiwe y’umukuru w’igihugu mu kiringo kitari gito.

Ejo ku musi wa gatatu, Televiziyo Gabon 24, yarerekanye amasanamu ya Ondimba ariko arabonana n’uwuserukira ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu mu bihugu vyo muri Afrika yo hagati, Abdou Barry.

Forum

XS
SM
MD
LG