Abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Zimbabwe basaba itunganywa ry'ayandi matora. Ntibemera ivyavuye mu matora rusangi aheruka kuba muri ico gihugu.
Urunani ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Zimbabwe, The Citizens Coalition for Change (CCC), rwasavye umuryango w’ubumwe bwa Afurika n’ishirahamwe rijejwe iterambere mu karere ko muri Afrika yo mu bumanuko, SADC, kuba abahuza no gufasha gutora umuti w’ico urwo runani rwita akajagari kakurikiye amatora aheruka kuba muri Zimbabwe.
Ostallos Siziba, icegera c’umuvugizi w’urunani CCC, ruza imbere mu batavuga rumwe na reta ya Zimbabwe, yabwiye abamenyeshamakuru I Harare ko gusubiramwo amatora akaba “mu muco” ari yo nzira yonyene yovana Zimbabwe mu “kajagari.’
Umurwi utunganya amatora muri Zimbabwe wemeza ko Prezida Mnangagwa w’imyaka 80 yatsindiye manda ya kabiri n’amajwi agera ku 52.6 %, Nelson Chamisa nawe w’imyaka 45 aronka amajwi 44%.
Indorerezi mvamakungu zirimwo iza SADC, iz’ubumwe bwa Buraya, izo mw’ishirahamwe ry’ibihugu bikoresha ururimi rw’icongereza, Commonwealth, zahagarikiye amatora rusangi ya Zimbabwe na zo nyene zivuga ko yaranzwe n’utunenge kandi atabaye muri demokarasi.
Bumwe mu burorero butangwa n’ishirahamwe SADC ni ukuba abatavuga rumwe na reta batemerewe gukora imyiyamamazo yabo bisanzuye, uguhengama kw’ibimenyeshamakuru vya reta n’iterabwoba ku batoye.
Prezida Mnangagwa yamirira kure abavuga ko amatora yagenze nabi, akongera agasaba impande zidoga kwitwara mu butungane. Urunani CCC ntiruratangaza nimba rutegekanya kwitwara.
Ntibimenyerewe ko SADC idudurirako ikavugira hejuru utunenge tw’amatora mu bihugu vya Afurika iba yarungitsemwo indorerezi. Akenshi ishigikira ibiba vyatangajwe n’imirwi itunganya amatora y’ibihugu bitandukanye. Naho biri uko, hari bamwe mu bategetsi ba SADC bakeje Prezida Mnangagwa. VOA
Forum