Uko wahagera

Zimbabwe: Prezida Mnangagwa Yagirizwa Gusenya Inzego z'Igihugu mu Ntumbero yo Kuguma ku Butegetsi


Ifoto ya Prezida Mnangagwa na Nelson Chamisa
Ifoto ya Prezida Mnangagwa na Nelson Chamisa

Nelson Chamisa, umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na Reta ya Zimbabwe yarigirije Prezida Mnangagwa ko arenga ku mategeko kandi ariko asenya inzego zigenga mu gihugu, mu ntumbero yo kuguma ku butegetsi.

Mu kiganiro yahaye itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, Nelson Chamisa yagabishije kandi ko ingingo izo ari zo zose zo kwivanga mu matora azoba muri uku kwezi, zizofatwa n’umugambwe uri ku butegetsi wa Prezida Mnangagwa, zishobora kujana igihugu mu kaga.

Chamisa azohiganwa mu matora azoba kw’itariki 23 y’uku kwezi kw’umunani na Prezida Mnangagwa hamwe n’umugambwe wiwe, ZANU-PF umaze imyaka 43 ku butegetsi. Yatangaje ko reta iriko irya umutima abanywanyi b’umugambwe wiwe
imbere y’amatora. Chamisa yatangaje ko Mnangagwa yakoresheje inzego nk’igipolisi n’amasentare mu ntumbero yo gukandamiza abatavuga rumwe na reta, kubuza amakoraniro no kwankira abanyopolitike guhiganwa mu matora.

Nelson Chamisa yarerekanye impungenge zitari nke zigaragaza ko igihugu ca Zimbabwe, caranzwe na kahise k’ubwicanyi, uruhagarara hamwe n’amatora yabayemwo amahinyu, gishobora kandi kuba kiriko gitera kija muri iyo nzira. Chamisa, ayoboye umugamwe utavuga rumwew na reta, “Citizens Coalition for Change, yavuze ko Prezida Mnangagwa ariko akora n’impaka ibintu bishobora gutuma haba ibibazo bikomeye mu gihugu. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG