Reta y’Amerika yafashe ingingo nshasha zigabisha abanyagihugu bayo bipfuza kugendera igihugu ca Uganda. Ni inyuma y'itegeko rikaze ririmwo ibihano biremereye ku bakundana n'abo basangiye igitsina, Uganda iheruka kwemeza.
Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu mw’itangazo ryabwo, bwavuze ko abanyagihugu batandukanye muri Uganda bashobora kugabwako ibitero vy’iterabwoba, bagakorerwa n’ayandi mabi, bakongera bakazira itegeko rihana abakundana bahuje ibitsina.
Amerika ivuga ko itegeko rihana abakundana bahuje ibitsina riheruka kwemezwa muri Uganda rizotuma haba abantu bahanishwa umunyororo wo guherayo n’igihano co kunyongwa. Amerika ibadanya igira iti: “ Hari abazoshobora gukubagurwa, gukorwako ibitero n’abarwanya abakundana bahuje ibitsina, abandi nabo bafungwe”
Umushikiranganji ajejwe guhanahana amakuru muri Uganda, Chris Baryomunsi, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko Amerika, ibwirizwa gutahura ko Uganda ari igihugu cigenga, gifata ingingo zibereye abanyagihugu baco, kitarinze kugendera ku mategeko n’igitsure c’amakungu.
Chris Baryomunsi yagize ati: “Barafise uburenganzira bwo kuburira abanyagihugu babo bababuza kudakora ingendo muri Uganda, ariko ivyo gukangisha iki canke kiriya, nta kibanza bigifise kuri ino si.” Baryomunsi yavuze ko ingingo y’Amerika itabatangaje, bari bayiteze.
Prezida wa Uganda Yoweri Kaguta Museveni yateye igikumu kw'itegeko rihana abakunda bahuje ibitsina, igenekerezo rya 29 ukwezi kwa gatanu uno mwaka.
Iryo tegeko riri mu mategeko akaze gusumba ayandi kw’isi, ritegekanya ibihano biremereye birimwo ivy’ukunyongwa, n’umunyoro w’ubuzima bwose ku bakundana n’abo bahuje ibitsina canke abashigikiye abakundana n’abo bahuje ibitsina. Naho iryo tegeko ritegekanya igihano c’urupfu haraheze imyaka myinshi Uganda yaravanyeho ico gihano.
Mu biyamirije iryo tegeko, harimwo ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, abaharanira agateka k’abakundana bahuje ibitsina, amakungu arimwo ibihugu bitunze nk’Amerika n’ibindi vyo ku mugabane wa Buraya.
Ricemezwa, Prezida w’Amerika, Joe Biden, yaragabishije ko azofatira ibihano Uganda. Prezida wa Uganda Yoweri Kaguta Museveni ico gihe yaratangaje ko ata n’umwe ashobora guhinduza Uganda ingingo yayo. (AFP)
Facebook Forum