Uko wahagera

Prezida Zelensky Yasavye Ibihugu vy'Abarabu Kutagendera ku Mabwirizwa y'Uburusiya.


Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy ashitse aho agiye kwitaba inama y'ishirahamwe ry'Abarabu i Jeddah, muri Arabiya Sawudite, kw'itariki ya 19/05/2023
Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy ashitse aho agiye kwitaba inama y'ishirahamwe ry'Abarabu i Jeddah, muri Arabiya Sawudite, kw'itariki ya 19/05/2023

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, uno musi ku wa gatanu yaserutse mu nama y'ishirahamwe ry'ibihugu vy'Abarabu, iriko ibera mu gisagara ca Jeddah, muri Arabiya Sawudite. Yasavye abategetsi b'ibihugu vy'Abarabu kutagendera ku mabwirizwa y'Uburusiya.

Prezida Zelensky yabitangaje mu gihe ariko agerageza kurondera gushigikirwa n’amakungu kurushiriza imbere y’ibitero bikomeye vy’ukwivuna Uburusiya vy’igihugu ciwe birindiwe cane.

Zelensky yashikirije ijambo mu nama y’abategetsi b’ibihugu vy’Abarabu muri Arabiya Sawudite, imbere y’uko vyari vyitezwe ko yitaba mu nama y’umurwi G-7 ugizwe n’ibihugu bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vyerekeye ubutunzi iriko ibera mu gihugu c’Ubuyapani. Vyitezwe ko yitaba iyo nama ubwiwe, canke hakoreshejwe ubuhinga bwa videwo. Ni mu gihe ariko agerageza gutuma ibihugu bitunze vyo kw’isi birangwa na demokrasi vyiyemeza kubandanya guha igihugu ciwe ibirwanisho n’izindi mfashanyo.

Prezida Zelensky yasavye abategetsi b’ibihugu vy’abarabu, harimwo bimwe muri vyo bifitaniye imigenderanire myiza n’Uburusiya, gufasha gukura abanya-Ukraine mu mizana y’Uburusiya. Zelensky yatangaje ko bibabaje kubona hari ibihugu bimwe bimwe vyo kw’isi, harimwo n’ibihugu vy’Abarabu vyihoza iyo mizana y’Uburusiya hamwe n’ukwigarurira ubutaka bw’igihugu ciwe. Yavuze ko yaje kubakebura kugira bakubite agatima mpembera bahindure uko babona Uburusiya.

Prezida Zelensky yari yatumiwe na Arabiya Sawudite mu nama y’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Abarabu, aho vyari bitegekanijwe ko abonana n’umuganwa, Mohammed bin Salman ayoboye Arabiya Sawudite n’abandi bategetsi. Zelensky yanditse ku rubuga Twitter ko urugendo rwiwe rwari rugenewe gukomeza imigenderanire hagati ya Ukraine n’ibihugu vy’Abarabu. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG